Abashingamateka B’Uburundi Barasaba Ishirahamwe Ry’Ubumwe Bwa Buraya Guhagarika Ibihano Vyafatiwe Uburundi

0

Inama Nshingamateka y’Uburundi irasaba ishimitse ko Abashingamateka bahurukiye mw’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya ko bokuraho ibihano vyafatiwe Uburundi. Kubwabo Bashingamateka, umutekano hamwe nuko ivya politike vyifashe vyararyohowe ku rugero rwiza mu Burundi.

Inama Nshingamateka hamwe n’Inama Nkenguzamateka bose basaba ko Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya hamwe n’ibihugu biri muri uwo muryango ko bokwihweza ivyashitsweko vyose na leta y’Uburundi mu bijanye no kwitaho agateka ka zina muntu kuva ku wa 26 Ndamukiza 2016.

Nkuko Inama Nshingamateka y’Uburundi ibimenyesha, ibihano vyafatiwwe igihugu c’Uburundi vyaragize ikintu kinini cane bikora ku banyagibugu mu mice yose y’ubuzima na cane cane mu bijanye n’Ubutunzi, indero hamwe n’amagara y’abantu.

Abashingamateka b’Uburundi

Tatien Sibomama, uwuri mu mugambwe UPRONA utavuga rumwe na Leta, avuga ko adashigikiye ibihano biza bishira abarundi mu magume. Naho biri uko, UPRONA iriyamiriza ukuntu Leta irenga ku mategeko mpuzamakungu ku bijanye n’agateka ka zina muntu.

Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya ryafashe ingingo yo gufatira ibihano igihugu c’Uburundi ryagiriza Uburundi ku kurenga ku ngingo ya 96 yo mu Masezerano y’I Cotonou. Ayo masezerano ya Cotonou avuga ko igihugu cose gisaba imfashanyo gitegerezwa kujana ningingo ngenderwako za Demokrasi hamwe n’agateka ka zina muntu.

Jean de Dieu Mutabazi, arongoye Umugambwe RADEBU, yagiriza Ubumwe Bwa Buraya ko bwirengagiza utwigoro twakozwe na Leta y’Uburundi two gukurikirana abashatse gutembagaza ubutegetsi bwitorewe n’abanyagihugu.

Mutabazi akaba asaba Ubumwe bwa Buraya ko butogira aho buhengamiye mu gufata ingingo ku vyerekeye Uburundi. “ Twarabonye ko Ishirahamwe ry’Ubumwe Bwa Buraya rishigikiye abashatse gutembagaza ubutegetsi hamwe n’abatavuga rumwe na Leta y’Uburundi”, niko Mutabazi avuga.