Abarwanije ikiringo ca gatatu bibutse umwana yishwe ubwa mbere mu myiyerekano

0

Abari mu migambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA bahimbaza kuri uwu wa gatatu imyaka ibiri iheze batanguje urugamba rw’ukwurwanya ugusubira kwitoza kwa Petero NKURUNZIZA. Abatanguje urwo rugamba bavuga batazoruhuka abakoze amabi kuva muri Ndamukiza umwaka w’2015 badashengejwe imbere y’ubutungane.

Vital NSHIMIRIMANA, kw’izina ry’amashirahamwe yarwanije ugusubira kwitoza kwa Petero NKURUNZIZA « Halte au troisième mandat », yamenyesheje ko iri genekerezo ryo kuwa 26 Ndamukiza rihariwe kwibuka abguze abandi, mu guharanira ubwigenge, ubuntu, intwaro rusangi. Muri abo basize ubuzima mu kwiyamiriza ugusubira kwitoza kwa Petero NKURUNZIZA, kw’isonga haza Jean Népomuscène Komezamahoro, umwana w’imyaka 15 yishwe ubwa mbere, arashwe n’abaporisi.

Vital NSHIMIRIMANA yibukije ko uwo mwana yarashwe mu mutwe mu gihe yari yadugije amaboko, akavuga ko abakoze ubwo bwicanyi bazotegerezwa kubibazwa.

N’umugambwe MSD uheruka gufaitwa ibihano n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu wamenyesheje ko uzokwifadikanya n’abandi bose, kugira abakoze ubwicanyi mu Burundi bashengezwe mu butungane.