UBM News ads
Sunday, October 1, 2023
No menu items!
UBM News ads

Abarundi twese tuvire hasi rimwe twiyamirize bino bintu bikomeye vyo kuducanishamwo.

UBM News ads

Mu Burundi ubu hari impande 2 zihambaye kandi atarizo gufata minenegwe:

Petero

1. Abashaka ko Petero NKURUNZIZA asubira kwitoza.

2.Abadashigikiye nagato kandi batipfuza ko yokwitoza ubugira 3 ngwabe umukuru wigihugu.

Mubashaka ko yitoza turamaze kwumva ko binyegeza inyuma yamoko naho batavyemanga ariko bitwaza ivy’amoko, benshi akaba araba Hutu, bashaka kugarukana inzankano babicishije kumoko (akarorero ni rwarwandiko rwa CNDD-FDD ruvuga ivyamoko gusa.

Mubadashaka kandi badashigikiye ko agaruka naho nyene hari abinyegeje inyuma yinzankano z’amoko, ntibavyemanga ariko benshi ni aba Tutsi, akarorero kahafi ni ibiheruka gushikizwa na Rufyikiri kuri Radio RPA aho we avuga ko incungu ya Democracy mu Burundi “Ndadaye Melchior ko ari umwe mubateguye Genocide yo kwica ngw”abatutsi mu Burundi ico naco akaba ari ikinyoma ndetse benshi bakaba bariyamirije ivyo aheruka gushikiriza.

Abo bose (yaba aba Hutu, yaba aba Tutsi) bariko bashaka kudusubiza mugahitiye ubwo muraba maso ntibaducanishemwo kandi ntibadushire mumice, Abarundi twese tuvire hasi rimwe twiyamirize bino bintu vyamoko kandi Twirinde kubumviriza, twamirire kure inyigisho zabo kuko abarundi twese turi bamwe.

Inkuru yanditswe na Eric Nyandwi
RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments