Frédéric Bamvuginyumvura aronyoye urunani CFOR-ARUSHA avuga ko atakazoza k’uburundi mu gihe bukiyoborwa na CNDD-FDD.
Bamvuginyumvira ati”:ibiriko biraba ku ntwaro ya CNDD-FDD biruta ivyabaye ku ntwaro zaba kavamahanga”.

Mu gihe uburundi bwraye buhimbaje imyaka 63 iheze uburundi bwikukiye,Frédéric Bamvuginyumvira arongoye urunani CFOR-ARUSHA yemeza ko uburundi nubu butarikukira kuko ibiriko biraba ku ntwaro ya CNDD-FDD biruta ivyabaye ku ntwaro z’abakoloni.
Frédéric Bamvuginyumvira avuga ko uwo mugambwe wishize ku butegetsi ubanje kwiba amajwi,ukiba ubutegetsi hama ngo twarikukiye koko?
Kubwa Bamvuginyumvira avuga ko ubutunzi bw’igihugu bugeze aho umwansi ashaka,ubusuma bukorwa n’abategetsi aho atanga akarorero k’urugomero rwa mpanda,amafranga yanyurujwe izuba riva umukuru w’igihugu arorera.
Uwo arongoye CFOR-Arusha avuga ko uburundi bukiyoborwa na CNDD-FDD ata kazoza buzogira.harageze ko abarundi bahumuka amaso kuko CNDD-FDD ata ciza na kimwe umugambwe CNDD-FDD uzopfa ushikanyeko igihugu.





Recent Comments