Abarundi ntibarota bemera ivyavuye mu nama y’abakuru b’ibihugu vya EAC

0

Inyuma yaho habereye inama y’abakuru b’ibihugu vyo muri kano karere muri Tanzania, aho har Ku musi wa mungu igenekerezo rya 31 rusama(5), abarundi batari bake ngo ntibashigikiye ivyavuye muri iyo nama.

Iyo nama ikaba itashoboye kugira ico ivuze ku kwitoza ubugira gatatu kwa petero Nkurunziza ahubwo bakaba basavye ko abarundi(abanyepolitique n’abadaharanira ivyicaro vya politique) ko boyaga kuri ico kibazo. Ariko kubwabo bakuru b’ibihugu ngo amatora yarakwiye kwigizwa inyuma ikiringo c’ukwezi n’inusu kugira ategurwe neza aberwa n’ikibazo c’amatora bakigira hamwe umuti woboneka.

Indundi Picture. Abanyagihugu bari mwibarabara umusi bavuga ko hahiritswe ubutegetsi
Indundi Picture.
Abanyagihugu bari mwibarabara umusi bavuga ko hahiritswe ubutegetsi

Mwomenya ko abarundi na cane cane bo muma quartier ari mu myiyerekano cane bamenyesha ko ukwegeza inyuma amatora ikiringo c’ukwezi n’inusu ataco babibonamwo kuko ari ubwenge kugira umukuru w’igihugu asubirize abari batanze imihoho. Ngo abakuru b’ibihugu vyo muri afrika y’ubuseruko bari bakwiye kumubwira agasokora muri ayo matora. Gushika ubu abanyagihugu bamenyesha ko amaso bayahanze amakungu ko afrika y’ubuseruko yananiwe.