Abarundi ngo ntaco biteze mu Biganiro birongowe na Pr. Museveni, soma impamvu ngaha

0

Abarundi batari bake bagize ico bavuga ku gikorwa c’umuhuza mushasha w’Uburundi akaba kandi n’umukuru w’igihugu c’Ubugande ariwe Yoweri Museveni. Ivyo bakaba babivuze mu gihe ku musi w’ejo aho yashika aje n’imodoka aciye mu gihugu c’Urwanda yashitse ayaga n’abatavuga rumwe n’Ubutegetsi abadaharanira inyungu za potitique inyuma y’ugushikiriza ijambo ryamaze amasaha ashika atatu mu nyubakwa z’i hotel le Bel air.

photo 2(3)_0_0

Abanyagihugu baganiriye n’insamirizi Inzamba(inzamba.org) bamwe bamenyesheje ko ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza batagishigikiye kubera ibigize igihe biba, ngo vyoba vyiza umukuru w’igihugu akinjuye, abandi bo bakaba bamenyesheje ko abahuza bahaciye bari benshi ngo naho ishaka arifise iciyumviro ciwe kirashobora kutubahirizwa, Nayo abandi bo bavuga ko ataco bizeye muri ivyo biganiro kubera uwuje kubigirisha nawe akora nk’ivyo nyakubahwa umukuru w’igihugu c’Uburundi ashaka gukora, ngo ahubwo ashobora kuba aje kumushigikira, ariko ngo ko bamwizeye nagerageze akore igikenewe.

Mwomenya ko uwo muhuza uno musi mu gatondo yahuye n’abari muri leta hamwe n’abahoze ari abakuru b’igihugu c’Uburundi, isaha zitanu akaba aza guca ashikiriza icegeranyo c’ivyavuye muri ivyo biganiro.