Abarundi ngo boba barajwe ishinga n’amatora kurusha Coronavirus?

0

Hari amakuru ariko acanacanako amenyesha ko mu Burundi ata kintu kinini kiriko kirakorwa kugira ngo hakingwe umugera wa Coronavirus ahubwo ko Abarundi barajwe ishinga cane n’amatora yo mu kwezi kwa Rusama 2020.

Mu gihe isi yose irajwe ishinga cane kandi ihanzwe n’ikiza c’umugera wa Coronavirus, abategetsi b’Uburundi uhereye kuri Numero 1 w’Uburundi biboneka ko bandanya nk’uko bisanzwe mu bikorwa vyabo.

Ariko rero Ubushikiranganji bw’amagara y’Abantu mu Burundi ntibuhengeshanya kwama bwibutsa Abarundi kwirinda ico kiza hamwe no gupima abiketswe ko boba baranduye ico kiza.

Ivyo vyaragaragaye igihe umuvugizi wa leta y’Uburundi, Prosper Ntahorwamiye, yamenysheje ko umugera wa Coronavirus ‘utazobuza ko amatora aba mu gihugu c’Uburundi’.

Ivyo kandi vyagaragaye cane mu nama nshikiranganji yabaye uyu musi wa gatatu aho ku rutonde rw’ivyigwa n”Inama nshikiranganji iyobowe na Petero Nkurunziza ata kibazo c’ingwara ya Coronavirus kiriko mu vyigwa.

Gusa icibonekeje cane muri iyo nama nshikiranganji ni uko abari bitavye iyo nama nshikiranganji harimwo na Numero 1 w’Uburundi ata numwe yakoze mu ntoki uyundi mukuramukanya bahanye indamukanyo y’amahoro gusa.

Gushika ubu nta muntu numwe aratorwa ko arwaye umugera wa Coronavirus mu gihugu c’Uburundi naho amakenga n’ubwoba bitabuze mu banyagihugu.