UBM News ads

Abarundi baracacinyizwa nkuko vyakorwa n’abakoloni-Faustin Ndikumana

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umuhinga muvyo ubutunzi akaba arongoye ishirahamwe PARCEM Faustin Ndikumana aremeza ko abarundi nubu bakiri mugacinyizo nkuko vyakorwa n’abaloni kuko abarundi bakirenganywa,bakanyarwa utwabo,gupfungirwa ubusa no gusahura amatungo y’igihugu.

Faustin Ndikumana yemeza kandi ko abarundi bari mu bukene batari bwigere babona kuva uburundi bwikukiye.


Mu gihe uburundi bwaraye bihimbaje imyaka 63 iheze uburundi buronse intahe yokwikukira,Faustin Ndikumana harivyo abona ko nubu abarundi batarikukira nyakuri.

Nkuko vyemezwa n’uwo muhinga muvyo ubutunzi akaba anarongoye ishirahamwe ryishinze gukangurira abarundi guhindura ingendo PARCEM,imyaka 63 irarangiye uburundi bwikukiye ariko buri mu bibazo vy’ubutunzi bidasanzwe mbere ubukene abarundi batari bwigere babona kuva uburundi bwikukiye.

Faustin Ndikumana yameza ko hambavu yuko igihugu cugarijwe n’ibibazo vy’ubutunzi,nubu abarundi bakigicinyizwa,kurenganywa,gupfungirwa ubusa kunyarwa utwawe no gusahura amatungo y’igihugu.

Faustin Ndikumana ashikiriza ko myaka 63 iheze ariko haracari impunzi nyishi z’abarundi bari hanze y’igihugu kandi bategerezwa kuba mu gihugu cabo.

Akarangiza asaba leta y’uburundi kuraba neza iyo ntahe ntibace mu myanya y’intoki kuko hashobora kugaruka mu gihugu ibibazo vy’amacakubiri uravye uravye impari ziriko ziragaruka kubibazo vy’ihonyabwoko.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments