Abarundi Barabandanya Bahungu Bitumwe N’Inzara Yabaye Ndanse Mu Burundi

4

Umukuru w’Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho Impunzi kw’ isi( HCR) yavuze ko habaye iyongerekana ry’impunzi z’abarundi bahungira mu gihugu c’Urwanda.
HCR ivuga ko ibintu uko vyifashe biteye ubwoba, kuko vyibazwa ko uko ibintu vya politike vyifashe mu Burundi kuriko kuramera neza.

Muri kino gihe, Abarundi bahunga bavuga ko inzara ariyo mpamvu nyamukuru ituma abahunga igihugu c’Uburundi.

« Impunzi z’Abarundi zibandanya ziyongera ziza mu Rwanda ku murindi muto mto ariko ubandanya kandi Uburundi bumaze mu gihe c’amagume haraheze imyaka ibiri », niko Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho impunzi kwisi ryamenyesheje ku musi wa kane. Ibinyamakuru bimwe bimwe vyo mu Rwanda vyatangaje mu ndwi turangije ko abarundi barenga 10 000 bahungiye mu Rwanda mu kwezi kwa Ndamukiza gusa 2017 duheruka kirangiza, ariko HCR ikaba yavuze ko ico gitigiri kirenzde urugero.

HCR ivuga iti : “MU kwezi kwa Ndamukiza uyu mwaka, impunzi z’abarundi zishika 406 barahungiye mu Rwanda, igitigiri gito ugereranije n’amezi yimbere ya Ndamukiza 2017.Muri Ntwarante 2017, harabontese abarundi 595, muri Ruhuhuma 2017 hashitse 791 hamwe no muri Nzero 2017 hashitse 732; bagaca bakwiza igitigiri c’Abarundi bashasha binjira mu Rwanda bashika 2 524 kuva dutanguye uyu mwaka wa 2017”.


Igitigiri c’Abarundi bose bahungiye mu Rwanda kuva Amagume atanguye mu Burundi muri Ndamukiza 2015 ni 94 581

Nkuko HCR ibandanya ibimenyesha, Abrundi bashika 9 236 barambuwe uburenganzira bwo kuba impunzi, haba mu gusohok a inkambi canke mu gusibiza gufata ibifungurwa gatatu gakurikirana mu Nkambi ya Mahama.

« Ivyo bisobanura ko igitigiri ntabanduka c’impunzi z’Abarundi bahungiye mu Rwanda kuva ,muri Ndamukiza 2015 ari 85 345”, niko HCR imenyesha

Igitigiri c’Abarundi bahunze kuva amagume atanguye mu Burundi bose hamwe bashika 413 679, abashika 237 393 bakaba bahungiye mu gihugu ca Tanzania. Igihugu c’Uburundi, co kimwe n’ibindi bihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko, kiriko kiraca mu bihe vyo gukena ibifungurwa btumwe n’Uruzuba rwatse, ariko ivyimburwa igihugu cimbura navyo vyaragizweko ingaruka n’intureka za Politike.

4 COMMENTS

  1. You can certainly see your skills in the work you write.
    The world hopes for even more passionate writers such as you who are not afraid to say how
    they believe. Always follow your heart.

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here