UBM News ads UBM News ads
Tuesday, June 18, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Abarundi bahunze igihugu mu mwaka wa 2015 barakenewe mu kwubaka igihugu-Guillaume Ndayikengurutse

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Guillaume Ndayikengurutse asanzwe ari umuhinga mu vyigwa vya politike akaba n’umwigisha muri kaminuza y’uburundi avuga ko abarundi bahunze igihugu mu mwaka wa 2015 bakenewe cane mu kwubaka igihugu c’uburundi narirya benshi muribo bafise ivyo boterera muri politike,imibano n’ubutunzi.Guillaume Ndayikengurutse asaba Leta y’uburundi kutaguma ishira imbere ubutungane ahubwo irabe icozanira ineza igihugu.ibi akaba yabishikirije kuri radiyo isanganiro ku musi w’ejo afatiye kunfashanyo igiye gusubira gutangwa n’ubumwe bwa bulayi.


Kubwo amakuru dukesha iradiyo isanganiro,Guillaume ndayikengurutse yamenyesheje ko uburundi bukwiye kureka imvugo yuko uburundi bwikwije ko ata nfashanyo bukeneye kuko ata gihugu na kimwe co kw’isi hishobora kuvuga ko cikwije kidakeneye infashanyo.N’imugihe ubumwe bwa bulayi bushaka gusubira gufashanya na Leta y’uburundi mu bisata bimwe bimwe vy’igihugu.kubwa Guillaume Nkengurutse asanga Leta y’Uburundi ikwiye kwubahiriza agateka kazina muntu na Democrasi kugira yongere guhabwa infashanyo.

Kuvyerekeye n’abarundi bahunze igihugu mu mwaka wa 2025,Guillaume Ndayikengurutse avuga ko Leta y’uburundi idakwiye kuguma ishira imbere ubutungane ahubwo irabe icozanira ineza igihugu hama yicarane n’abo vyega bose hama abarundi bose bahunze igihugu bagaruke kwubaka igihugu cabibarutse.

Guillaume ndayikengurutse agira ati:«muri 2015 harabaye ibintu bibi cane imyaka igiye gukwira 10,ubu rero harageze ko Leta y’uburundi yoraba ikizanira ineza igihugu kuko abo barundi bari hanze y’igihugu benshi muribo bafise ivyo bofasha mu kwubaka igihugu c’uburundi rero leta y’uburundi ntikwiye kuguma ishira imbere ubutungane ahubwo irabe icozanira ineza igihugu.»

Mu mwaka wa 2015 abarundi batari bake barahunze igihugu c’uburundi inyuma y’ibibazo vya politike igihugu carimwo harimwo kwiyamiriza ikiringo ca 3 c’umuhisi Petero Nkurunziza cakwirikiwe n’igeragezwa ryo kumutembagaza ubutegetsi.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments