Ukwihenda kutagira izina nikwo kwagizwe n’umukuru w’igihugu mu kwiha ukwezi kumwe ngo abarundi bahungiye mu rwanda bazobe batasha mu gihe atarakura ibirwanisho mu nyagihugu hamwe n’ugushinga umurwi ujejwe kuraba impamvu abanyagihugu babandanya guhunga.
Haraheze imisi abarundi bo mu ntara z’uburaruko bw’uburundi na cane cane mu Ntara ya Kirundo baguma bahunga ku bwinshi bahungira mu gihugu kibanyi c’Urwanda. Imvo n’umuteka bavuga ko ari muke kubwabo kubera ibirwanisho Imbonerakure zihabwa kandi bakanvuga ko ari ihonyabwoko ririko ritegurirwa abatutsi hamwe n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi nkuko bishikirizwa n’umwe mu bahungiye aho muri ico gihugu kibanyi c’Urwanda.
Nkuko amakuru dukesha ikinyamakuru Igihugu ngo uwo murundi amenyesha ko ivyashikirijwe n’umukuru w’igihugu inyuma y’umubonano yagize n’imvukira z’iyo ntara kwabaye ukwihenda gukomete cane kuko ukwezi ari guto gose. Nkuko bibandanya bishikirizwa n’uwo murundi ari mu buhungiro mu rwanda yamenyesheje ko uwudakomeye ariwe yohungisha umuryango ata cabaye, yagize ati “Batwambura akami ka muntu, ukwo nikwa guhonyanga ibwirizwa nshingiro n’amateka mpuzamakungu yubahiriza agateka ka zina muntu. Ntawohunga igihugu ciwe, akangaza umuryango wiwe atagira akimwirakanye.”
Mwomenya abo banyagihugu bafise ivyo basaba umukuru w’igihugu kugira ivyo ashaka bikunde, bakaba basaba ko ahamagara amakungu akamufasha gukura ibirwanisho mu rwaruka, aheze arungike umurwi ugizwe na Reta, ishirahamwe mpuzamakungu ONU, amashirahamwe y’abadaharanira ivyicaro vya poritike, hamwe na Ekereziya Gaturika, basigurire abo banyagihugu, babahe n’ivyemezo ko umutekano wabo wubahirijwe.
Muri ico gihugu c’Urwanda naho inkambi zibiri zikaba zimaze gutegurwa aho zizakira abarundi abatandukanye, imwe ikaba iri mu Biryogo, mu Murenge wa Gashora, akarere ka Bugesera, ikambi ya kabiri nayo ikaba iri i Nyanza.
Recent Comments