Abarundi Baba I Malawi Na Mozambique Banyazwe Ivyabo N’Abasangwa Baho

0

Igipolisi co muri Malawi nico muri Mozambique caroraniwe mu kugarukane ituze mu gace gakorerwamwo urudandaji rw’ibifungurwa birimwa inyuma y’imyiyerekano ikaze yatanguye ejo hahise itariki 26/03/2017, abiyerekana biyamiriza abarundi ko bashobora kuba barishe umukenyezi mwako karere, Nkuko amakuru amenyeshwa na www.malawi24.com avuga.

Abanyagwanda babiri barakekwa kuba baragize uruhara mw’ubwo bwicanyi, ariko igipolisi cafashe abanya Mozambike babiri, bica bituma abanyagihugu bashaka kubaka abapolisi ngo bihanire. Mu nyuma abo bagirizwa baciye batoroka igipolisi, arivyo vyaciye bituma iyi myiyerekano ibandanya aho abasangwa bagomba kwiyamiriza banyamahanga kubera ubwo bwicanyi.

Umutekano waciye ugarukanwa mwako karere ka Lizulu vyihuta

Umuvugizi w’igipolosi ca Ntcheu yavuze ko umwe mu bariko bakora iyo myiyerekano yakomeretse cane n’urusasu rwarashwe n,abapolisi ba Mozambique, kandi ko ariko avurirwa mu bitaro vyo muri district ya Dedza.

Abandanya avuga ko ukwo gushamirana kwabaye canecane ku ruhande rwa Mozabique mugace Lizulu gakorerwamwo ubudandaji gahuza ibihugu bibiri vya Malawi na Mozambique.

“Abakora iyo myiyerekano bamenye bongera barasahura ama boutike y’abarundi hamwe n’ayandi y’abanyamahanga.Imyirekano yatanguye mu gace ka Mozambique hama ica irakwiragira mu gace ka Malawi, ariko twaroraniwe kugarukana umutekano. Bagenzi bacu bo muri Mozambique baroraniwe nabo nyene kugarukana umutekano”, niko uyo muvugizi w’igipolisi abandanya abivuga.

Facebook Notice for EU! You need to login to view and post FB Comments!