UBM News ads

Abarundi 476 bapfunzwe nabi muri Tanzaniya-Me Prime Mbarubukeye

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umushingwamanza Prime Mbarubukeye arongoye ishirahamwe ONLCT rirwanya urudandazwa rw’abantu atabaza leta y’uburundi gutahukana atagisabwe abarundi 476 bapfunzwe mu buryo bubabaje mu busho butandukanye bwa Tanzaniya.

Nkuko Prime Mbarubukeye avyemeza Bose bashika urwaruka 700 ushizemwo n’abapfungiwe muri Kenya.

Umushingwamanza arongoye ishirahamwe ONLCT rirwanya urudandazwa rw’abantu Me Prime Mbarubukeye asaba Leta y’uburundi gutahukana atagisabwe urwaruka rugera ku 476 bapfungiwe mu busho butandukanye bwa Tanzaniya.

Nkuko vyatangajwe n’uwo arongoye ishirahamwe ONLCT,abenshi bafatiwe mu gihugu ca Tanzaniya mu gihe bariko bahaca berekeza muri kenya aho benshi ata vyangombwa bari bafise.

Prime Mbarubukeye avuga ko urwaruka rw’abarundi rugera kuri 64 harimwo abakobwa 23 bapfungiwe I Ngara;93 bapfungiwe I Mwanza hakaba harimwo n’abanyarwanda 24.

Ku mupaka uhuza kenya na Tanzaniya aho bita I Sirari hapfungiwe abarundi 175.(87 sirari yegamiye kenya,88 sirari yegamiye Tanzaniya);13 nabo bapfungiwe I Nyagahura n’abandi benshi batazwi igitigiri bapfungiwe hafi y’ikambi ya Nyarugusu.

Mw’ishirahamwe ONLCT batera akamo Leta y’uburundi gutahukana urwo rwaruka rupfunzwe mu buryo bubabaje.

Ibi akaba yabishikirije kuwa 30 Mukakaro 2025 mu gihe hahimbazwa umusi wahariwe kurwanya urudandazwa rw’abantu.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments