Umuririmvyi rurangiranwa w’umurundi akunzwe cane aba hano muri Leta zunze ubumwe za America ” Mt Number One ” avuga ko abaririmvyi bataramenya neza ubwenge bwo gukoresha kugirango bakure amahera mumifuko y’abantu, aho rero ninyuma yaho abariririmvyi batari bake bakomeje kwidoga bavuga ko atanyungu baronka mu ndirimbo bakora.
Mt Number One hano arikumwe n’Umuririmvyikazi w’Umurundi Ashley
Ivyo rero ” Mt Number one ” akaba yabicishije kubuhinga ngurukanabumenyi , aho ubwiwe yagize ati : Abaririmvyi kenshi babarundi usanga tuvuga ngo muri music ntamafaranga avamo, kandi tukanavuga ngo bene wacu ntibadushigikira, ariko nje siko nabisanze ahubwo nibaza ko tuba tutakoze ibibanezera, kuko iyo tubikoze usanga benewacu bavyishimiye cane kandi ikindi naco amafaranga arahari kandi ari mu mifuko yabantu uhubwo ubwenge bwo kugira ngo tuyabakure mu mifuko dukoresheje talent nibwo tutaramenya. Muririmvyi canke wewe wese wihangiye umurimo wawe komeza urugendo utitaye kubaguca intege kuko ntawukundwa na bose ( Indonyi Records)
Recent Comments