UBM News ads
Monday, October 2, 2023
No menu items!
UBM News ads

Abaririmvyi nyuma yo kwidoga bakavuga ko atanyungu baronka mu muziki ” Mt Number One ” we avuga ko bataramenya neza ubwenge bwo gukoresha.

UBM News ads

Umuririmvyi rurangiranwa w’umurundi akunzwe cane aba hano muri Leta zunze ubumwe za America ” Mt Number One ” avuga ko abaririmvyi bataramenya neza ubwenge bwo gukoresha kugirango bakure amahera mumifuko y’abantu, aho rero ninyuma yaho abariririmvyi batari bake bakomeje kwidoga bavuga ko atanyungu baronka mu ndirimbo bakora.

mt and ashley
Mt Number One hano arikumwe n’Umuririmvyikazi w’Umurundi Ashley

Ivyo rero ” Mt Number one ” akaba yabicishije kubuhinga ngurukanabumenyi , aho ubwiwe yagize ati : Abaririmvyi kenshi babarundi usanga tuvuga ngo muri music ntamafaranga avamo, kandi tukanavuga ngo bene wacu ntibadushigikira, ariko nje siko nabisanze ahubwo nibaza ko tuba tutakoze ibibanezera, kuko iyo tubikoze usanga benewacu bavyishimiye cane kandi ikindi naco amafaranga arahari kandi ari mu mifuko yabantu uhubwo ubwenge bwo kugira ngo tuyabakure mu mifuko dukoresheje talent nibwo tutaramenya. Muririmvyi canke wewe wese wihangiye umurimo wawe komeza urugendo utitaye kubaguca intege kuko ntawukundwa na bose ( Indonyi Records)

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments