Abaririmvyi nibakora bino bintu ” Leonard Niyomwungere ” yavuze hano , ni ngombwa bazotera imbere cane ” Exclusive Interview ”

0

Nyuma yo kubona ko hari vyinshi bikwiye gukorwa kugirango umuziki w’abarundi aho uri hose ubashe gutera imbere, ikinyamakuru ca mbere c’abarundi gikorera hano muri America ” UBM News ” twashimye kuganira numwe mu baririmvyi rurangiranwa binararibonye afise indirimbo zikunzwe na benshi ” Leonard Niyomwungere ” tumubaza ico abona cokorwa kugirango umuziki w’abarundi ubashe gutera imbere kurushiriza.

Leonard '' ubmnews
Leonard Niyomwungere ” umuririmvyi w’umurundi ubu asigaye aba muri Canada.

Mu kiganiro yakoranye n’umunyamakuru ” Eric Nyandwi ” wa UBM News ” uno muririmvyi yavuze impanvu abona umuziki w’abarundi baba hanze udatera imbere cane ndetse yongere aranatanga izindi mpanvu zikomeye zokoreshwa mu gutuma abaririmvyi bashika kurwego rwo hejuru.

Ubwiwe avuga ko ico kibazo ” c’abaririmvyi b’abarundi kudatera imbere ” ko amaze kucibazaho igihe kirekire ariko ngo yaje gusanga abarundi ari abantu bapingana hagati yabo bityo ngo kudatera imbere ahanini biterwa nico kibazo co kudashigikirana.

Leonard Niyomwungere yagize ati : Urunva ico kibazo naracize imyaka ishika cumi nitanu ariko nasanze igituma tudatera imbere ari ukuntu tugwanyana hagati yacu, Nkubu wewe nkumumenyeshamakuru umuntu wambere ababazwa nuko utangaza amakuru ni umumenyeshamakuru nkawe kandi w’umurundi, abantu twavuye muri africa tumeze nkuko umenga twaje kurondera guca amafaranga hama tugaca ducungana kukajisho turaba duti mbega ninde yaronse gusumba uwundi, ubwo rero tugaca tuguma ducunganye tugwanyana, abaririmvyi nabo rero bimeze nkuko nyene.

Akarorero urabona iyo ugize akaririmbo canke ukagira aga show abambere batangura kukuvuga nabi naba nyene bava muri africa kuko umenga ntibaba bipfuza ko woba umuntu ukora ivyo abandi batashoboye gukora, Hama muricogihe basivye ugasanga muri salle hari abantu babiri baje kukuraba ,bakanka kukugurira ama Cd bica biguca intege ukabivamwo ukabiheba kuko urunva ntiwotamba wirorera.


Ino n’iyindi ndirimbo izwi n’abantu benshi uno muririmvyi yaririmvye.

Uno muririmvyi rurangiranwa ntiyagarukirije ngaho kuko yatanze uburorero bwinshi bw’abaririmvyi bakomeye b’abarundi baje ino hanze bagaca babivamwo ivyo kuririmba bivanye niyo panvu yo kudashigikirwa ariko ubwiwe kandi yongeye aranavuga ico abona cokorwa mu barundi kugira ibintu nkivyo biveho, aho nyene ubwiwe yavuze ati :

kUGIRA RERO UMURIRINVYI ATERE IMBERE yokwikuramwo ko aba bene wacu bataje kumuraba atobaho ,akabikuramwo hama akaririmba nu mutima wiwe wose akaza ariyegereza naba bandi baririmba bava mu bindi bihugu ikindi naco cane cane akikuramwo ko ari urucuruza ari gukora kuko niyo yakora neza abaguzi bazizana, AKICISHA BUGUFI IMBERE YABANDI BARIRIMVYI NIMBERE YIBITANGAZAMAKURU, nanka kukubesha Tugiye hamwe niho tuzotera imbere kandi tukubahana kuko nukuri jewe ndamaze kubona ko hari abantu bafise talents ino no hiyo iwanyu ariko ugasanga umwe wese akora ukwiwe.

Uno muririmvyi mukurangiza yasavye ko abaririmvyi boja hamwe bagakorera kumugozi umwe ataburyarya burimwo ” we yagize ati : Ivyo mbona nuko twoja hamwe tugakorana ataburyarya kandi tukagenderanira na mwebwe abamenyeshamakuru muturi inyuma kuko hamwe wokora igiteramo ata mumenyeshamakuru ahari uba utaye umwanya.

UBM News mukurangiza ino nkuru reka tubibutse ko ikiganiro twakoranye nuno muririmvyi ko cagenze neza ndetse tukaba tunamushimira cane, ikindi naco tukaba tubandanya tubibutsa ko uno muririmvyi rurangiranwa w’umurundi ubu asigaye aba mu gihugu ca ” Canada ”