Abari i Burundi bagiye kwumva insamirizi Inzamba

0

Mu gihe Abarundi batari bake bari mu mahanga ubu biruhutsa kuba insamirizi Inzamba yarabonetse ikabaha amakuru atari bake baba banyotewe, n’abarundi bari mu Burundi nabo ngo bari bakwiye kwiruhutsa kuko si kera nabo baguye gutangura kwumva ibikorwa vy’insamirizi Inzamba.

arton9594-4993d-595x400

Mu kiganiro umukuru w’insamirizi Bonesha Fm yahaye ico kinyamakuru Inzamba nyene yamenyesheje ko hari umugambwi wo kuraba ukuntu n’abarundi bari mu Burundi nabo botangura kuza barumva amakuru aca kuri iyo nsamirizi inzamba.

Ivyo abishikirije inyuma yaho batanguriye ibikorwa vy’ugutanga amakuru, bakaba ata bindi biganiro bacishako kuko umwanya ari muto. Bakaba bemeye kuzohorabongereza umwanya wo gukora buri gihe.