Mu kiganiro Ubushikiranganji bw’ubutungane buserukiwe n’icegera c’umushikiranganji w’Ubutungane bwahaye abamenyeshamakuru kuri uyu musi wa kabiri, bamenyesheje ko umushingamateka Hussein Radjabu atanyurujwe ahubwo yatorotse ibohero rya mpimba.
Muri ico kiganiro nyene Bigirimana asanzwe ari icegera c’umushikiranganji w’ubutungane yamenyesheje ko abari bacunze iryo bohera kuri uwo musi aribo bamufashije gutoroka kuko banasize ibohero rigaragara, abari kubasubirira kuri Garde bakaba bahavuye barindira ko babavyura barabura, uwikanguye kare niwe yasanze imfunguzo musi y’umuryango aho abo barinzi barara.
Yanagarutse ku mvo zari zamufunze aho amenyesha ko ari uguhungabanya umutekano w’igihugu c’Uburundi aho hakaba hari mu mwaka wa 2007 mu kwezi wa kwa kane amaze imyaka ibiri gusa asanzwe atwara umugambwe wa CNDD FDD mu nyuma yaho Igihugu c’Uburundi kironkeye Petero nkurunziza nk’umukuru w’igihugu.
Mwibuke ko uwahoze ari umushingamateka aserukira uburundi muri EAC aheruka kwandika amenyesha abagumyabanga hamwe n’abarundi bose ko bakwiye kugumya umutima kuko Hussein Radjabu yamaze gushika aho yategerezwa gushika ngo ararushe ariko amerewe neza, eka akaba yaranamenyesheje ko n’abo bari barikumwe bose bifashe neza.
Recent Comments