UBM News ads UBM News ads
Tuesday, June 18, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Abapfungwa bagiye gukoreshwa ibikorwa vy’iterambere ry’igihugu.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Abashingamateka basaba umushikiranganji w’ubutungane Domine Banyankimbona ko abapfungwa buzuye mu mabohero boza barakoreshwa ibikorwa bizanira iterambere igihugu.Ibi vyavugiwe mu nama nshingamateka yakoranye kuri uwu wa 5 ruheshi 2024


Inama nshingateka yarakoranye kuri uwu wa 5 ruheshi 2024 irongowe na Daniel Gelase Ndabirabe aho bariko barabira hamwe icegeranyo cashikirijwe n’umurwi wamaho ujejwe ubutungane n’agateka ka zina muntu bagize mu mugihugu cose guhera igenekerezo rya 22 gushika 24 nzero 2024 kugira basuzume ingene ibisata vy’ubutungane bikora mu ntumbero yo kwirabira igituma abapfungwa barabaye umurengera mu mabohero,bongere bagire ico baterereye kugira ngo ibitigiri vy’abapfungwa bagabanuke.

Mucegeranyo catanzwe n’abashingamateka bakoze urugendo mu mabohero atandukanye agize igihugu c’uburundi ,abapfungwa 13 928 harimwo abakenyezi 1 066 hamwe n’abana babo 103 nibo bari mu mabohero 11 ari mu gihugu c’uburundi asanzwe yari agenewe kwakira abantu batarenga 4 150.

Mugihe umutumire mu nama nshingamateka yari umushikiranganji w’ubutungane Domine Banyankimbona,abashingamateka baragize ico bashikiriza kuri ivyo bitigiri vy’umrengera vyibonekeza mu mabohero bamenyesheje ko iivyo bitigiri vy’umurengera biva ahanini kw’idindinzwa ry’imanza,ibiturire vyibonekeza mu macamanza bamwe bamwe,abapfungwa bacirirwa imanza ariko ntibasohorwe mu mabohero,,,.abashingamateka babona ko ivyo biza guhomvya igihugu mu kubagaburira,gusohora amafranga y’umurengera hamwe no kubaronsa ivyankenerwa.

Abashingamateka babona ko abo bapfungwa bohabwa ibikorwa bizanira inyungu iterambere ry’igihugu akaba arivyo basvye umushikiranganji w’ubutungane Domine Banyankimbona mbere barabihuzizako.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments