Abanywanyi Ba Agathon Rwasa Babandanya Bafatwa.

0

Abanywanyi batanu ba Agathon Rwasa harimwo n’abigisha babiri barahagaritswe kuruyu wa mbere 27/03/2017 muri komine GISURU mu ntara ya RUYIGI. Amakuru ava mu Ruyigi avuga ko abo banywanyi ba FNL ya Agathon Rwasa bafungiwe mu gasho k’igipolisi mu Gisuru kandi bakaba bagirizwa kuba barakoze inama idakurikije amategeko.

Mu ntara ya Ngozi, Sentare y’intango yaremeje ko abantu 8 bayoboka Agathon Rwasa ko bapfunzwe ivyagategenyo bakaba bahagaritswe itariki 23/03/2017.Abo banywanyi ba Rwasa nabo nyene bagirizwa kuba bakoze inama itemewe n’amategeko. Ariko nkuko amakuru abivuga, bakaba bahagaritswe bariko bafata agacupa mu bunywero buri ku murwa mukuru w’intara ya Ngozi.

Mu ntara ya Gitega, abanywanyi 12 b’umugambwe FNL ya Rwasa, barahagaritswe itariki 23/03/2017 muri Commune NYARUSANGE mu ntara ya Gitega. Bakaba bikekwa ko boba baragandaguye umunywanyi w’umugambwe uri ku butegetsi itariki 22/03/2017.

Agathon Rwasa

Ku bw’ukwo gihagarikwa agasakisaki, imiryango y’abahagaritswe ikaba ivuga ko barenganywa , kandi bakaba bavuga ko impamvu za politike ziri inyuma yukwo guhagarikwa.

Térance MANIRAMBONA, umushingamateka yatowe mu ntara ya Gitega, ariyamiriza ico yita “uruhigi rw’umuntu” ku banywanyi b’umugambwe FNL wa Agathon RWASA. Ku bw’uwo yatowe mu ntara ya Gitega kandi aserukira abanyagihugu, impamvu za politike nizo ziri inyuma y’uwo guhagarikwa.

Umushingamateka Térance MANIRAMBONA abandanya amenyesha ati: “ Mu bisanzwe abanywanyi ba Rwasa Agathon bahagaritswwe baca bahatwa kwinjira mu mugambwe CNDD-FDD ku nguvu nibaba badashaka izindi ngorane zobashikira bivuye ku butegetsi buhari ubu”.

Térance MANIRAMBONA akamenyesha ko inzego z’ubutungane zosoma neza amategeko kugira ntizigwe mu mutego “w’abategetsi bamwe bamwe bafise intumbero mbi bashaka gusubiza igihugu mu magume”. Térance Manirambona akaba asaba ko abo banywanyi ba Rwasa barekurwa ata kirenze gusabwa.

Umufasha w’Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Térance MBONABUCA, amenyesha ko ‘ abo ba FNL bahagarikwa bivanye nuko barenze amategeko, ko badahagarikwa ngo nuko ari abanywanyi ba Rwasa’.

Térance Mbonabuca amenyesha ko ‘abazokwezwa n’Ubutungane bazorekurwa, abazokwagirwa n’amakosa bazoyahanirwa’.