Abanywanyi 58 ba MSD bahora mw’ibohero rya Mpimba barekuwe

0

Abanyororo bagera kuri 58 bo mu mugambwe MSD wa Alexis SINDUHIJE barekuwe kuri uwu wa mbere, ku ngingo y’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA y’ugutanga ikigongwe kuri bamwe mu bapfungwa ba poritike. N’abandi bapfungwa ba poritike barenga amajana atanu barekuwe.

Aime Laurentine KANYANA, umushikiranganji w’ubutungane niwe yari yishikiye mw’ibohero rikuru rya Mpimba, mu bikorwa vy’ukurekura abo bapfungwa ba poritike bagiriwe ikigongwe n’umukuru w’igihugu.

Mw’itangazo ryateweko umukono n’umushikiranganji w’ubutungane Aimee Laurentine Kanyana umushikiranganji w’ubutungane, bitegekanijwe ko abapfungwa barekurwa ari abaciriwe igihano c’imyaka itanu canke iri munsi yayo, nkuko vyashikirijwe n’umukuru w’igihugu mw’ijambo yashikirije abarundi n’abanyamahanga abipfuriza umwaka mushasha w’2017.