Abanyuruje umushingamateka Oscar NTASANO boba bazomenyekana? Yoba akiri muzima?

0

Sentare nkuru y’igihugu c’Uburundi ivuga ko ibabajwe n’abaguma bakwiragiza amakuru yita ko atariyo, ku rupfu rwa Oscar NTASANO yahoze ari umushingamateka w’Uburundi yaburiwe irengero, imodoka yiwe igatorwa yagize isanganya i Muyinga, irimwo ikiziga c’umugabo azwi kw’izina rya Lambert BITANGIMANA bivugwa ko yoba ari umukozi w’igendereza ry’Uburundi.

Amatohoza yakozwe n’ishirahamwe FOCODE avuga ko uwo yatowe ikiziga yatawe mu mutego n’abo bakorana mw’igendereza, bamuhamagariye akazi kamurindiriye i Ngozi, agafatwa n’abantu bari bambaye impuzu z’igiporisi c’Uburundi. Nk’uko Pacifique NININAHAZWE arongoye ishirahamwe FOCODE yabiemnyesheje, uwo Lambert BITANGIMANA yishwe anizwe, ashirwa mu modoka y’uwo mushingamateka yari yamaze kunyuruzwa ari mu kibanza kitazwi.

Itangazo ryasohowe na Sylvestre Nyandwi, umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika y’Uburundi, ririyamiriza ayo makuru ariko acishwa ku mbuga ngurukanabumenyi kandi ubutungane bw’Uburundi butaraheza amatohoza yabwo. Syvestre Nyandwi yemeza ko amatohoza abandanya, kandi ko hari abamaze gufatwa kugira bumvirizwe.

Oscar NTASANO ni umurwizatunga mwene ihoteri NONARA Beach iri hafi y’ikiyaga Tanganyika i Bujumbura, ikaba ipanzwe n’abakozi b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU. Yaburiwe irengero kuva kw’igenekerezo rya 20 Ndamukiza 2017.

Oscar NTASANO yabaye ubwa mbere umukenguzamateka (Sénateur) aserukira intara ya Makamba kuva mu mwaka w’2005 gushika mu 2010.

Kuva mu mwaka w’2010 gushika mu 2015, yabaye umushingamateka, ubu akaba yari yahagaritse ibikorwa vya poritike, asigaye ari umurwizatunga.