Wednesday, September 27, 2023
No menu items!
HomeNewsAbanyororo 3000 bagiriwe ikigongwe n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza

Abanyororo 3000 bagiriwe ikigongwe n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza

Mw’ijambo ryo kwipfuriza abarundi umunsi mukuru w’ihimbazwa ry’imyaka 52 Uburundi bumaze bwikukiye, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yamenyesheje ko yafashe ingingo yo kugirira ikigongwe abanyororo bashika ibihumbi bitatu (3.000 prisonniers), mu ntumbero yo kubatezurira, n’aho isango ryo gutangura kubarekura itamenyeshejwe. Petero Nkurunziza asigura ariko iyo ngingo y’ikigongwe itazoraba abari baragiriwe ikigongwe bagaca basubira muri vya vyaha nyene vyari vyabagiriye.

Muri iryo jambo yavugiye mu ntara ya Ngozi buca Uburundi buhimbaza imyaka 52 bumaze buronse intahe yo kwikukira, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yamenyesheje ko ashima intambwe nziza ubutungane bugezeko yo kutaraza imanza, haba mu kuzica canke kuzishira mu ngiro, aboneraho akaryo ko gusaba ko iziciwe zicibwa mu kuri atawurenganijwe. Petero Nkurunziza arashimira kandi abashingwamanza ba Reta, avuga ko bariko baratera iteka igihugu mu kukiburanira, agatanga akarorero k’imanza indwi ziheruka gusomwa mu zari zitwariwe muri Sentare ya Afrika y’ubuseruko, Reta y’Uburundi ikaba yarazitsinze.

Petero Nkurunziza aranegura ko kuva Rwagasore agandagurwa, umutima wo gukunda igihugu n’abo cibarutse wagiye uratituka ku batari bake. Nk’uko bivugwa n’umukuru w’igihugu, ukwo gutituka kwagaragajwe na vyinshi n’ubu hamwe hamwe bikiriko. Navyo ivyo avuga akaba ari : abahahaza kandi bagatyoza benewabo, abata akaranga n’imico myiza vyaranga basokuru, abihakanye ubwenegihugu bw’Uburundi mu makungu, abatanga karangamuntu n’igitabu c’inzira vy’Uburundi bakabiha abanyamahanga, abakwiragira isi, mu maradiyo, ku mboneshakure n’ibindi bimenyeshamakuru bacafuza igihugu cabo na benewabo, abatera umudurumbanyo, indyane n’ubwicanyi mu gihugu mu bonse rimwe, abasesagura n’abanyuruza itunga ry’igihugu, abigira sindabibazwa ku mutekano n’amahoro vy‘abanyagihugu, n’ubundi bubegito nk’ubwo. Petero Nkurunziza aravuga kandi abaryanisha n’abacanishamwo benewabo, bakabata mu rudubi.

Naho biri uko, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, muri iryo jambo ryiwe avuga ko hakiri ivyizigiro, kuko hari ibimenyetso bitabesha bigaragaza ko umutima wo gukunda igihugu utagiye amazimayongo ku barundi bose, akavuga nk’abarundi bashoboye kwikubita agashi, baraganira ibibazo bibatandukanya, barashika no ku masezerano y’amahoro no gusubiza hamwe yabereye i Arusha mu mwaka w’ 2000, ashigikirwa n’amasezerano yo guhagarika intambara.

Sources : Igihe Burundi

RELATED ARTICLES
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments