Abanyeshure Bo Muri Kaminuza Y’Uburundi Ntibitavye Akamo Batewe n’Umuyobozi W’Iyo kaminuza ko Gusubira Kwiga

0

Abanyeshure bo muri Kaminuza y’Uburundi ntibitavye akamo batewe n’umuyobozi w’iyo kaminuza ya leta kugira bagaruke gusubira ku vyigwa ejo ku musi wa mbere itariki 24/04/2017. Abanyeshure bakaba bidogera abategetsi bo kuri iyo kaminuza bahamagaye abapolisi kugira bafashe mu guhata abanyeshurre kugira binjire mu masomero ku nguvu.

Ubuyobozi bwa Kaminuza y’uburundi bwari bwahaye abanyeshure ba kaminuza y’Uburundi isango ntarengwa yo gushika itariki 24/04/2017 bazobe basubiye ku mirimo. Batabikoze, bociye basubiza amakarata yabo aranga ko ari abanyeshure hamwe nivyumba vyabo ku buyobozi bwa Kaminuza.

Kuruyu wa mbere uheze, Abanyeshure ba Kaminza ntibatonze ku vyigwa. Bavuga ko impavu zatumye baja mu vyo guhagarika ivyigwa zitararonka inyishu zibereye.Abanyeshure ba kaminuza bamwe bamwe bari muri Campus mutanga barahaswe kwinjira ku nguvu n’abapolisi mu masomero yabo.

Umwe muri abo banyeshure ba Kaminuza avuga ati :” Abanyeshure ba kaminuza ntibitavye akamo ko gusubira kwiga batewe n’umuyobozi wa Kaminuza. Nikibabaje kuruta, ni ingendo y’abayobozi ba kaminuza y’uburundi bakoresha abapolisi mu kwinjiza ku nguvu abanyeshure mu masomero”.

Inyubakwa za Kaminuza Y’Uburundi

Abanyeshure ba Kaminuza y’uburundi bakaba biyamiriza ingendo y’ubuyobozi bwiyo Kaminuza kandi bakabandanya basaba ko bagenzi babo bapfunzwe barekurwa, bapfunzwe bazira urwandiko bandikiye Umukuru w’igihugu Pierre Nkurunziza. “ Dusaba ko abaduserukira mu masomero yacu(Délégues de classes) barekurewa ata kirinze gusabwa, abirukanwe muri kaminuza ko bogarukanwa kugira hatangure ibiganiro”, niko amakuru ava aho muri kaminuza y’Uburundi abandanya amenyesha.

Abaserukira abandi banyeshure basaba abanyeshure kuguma ‘batekanye kandi bafatanye mu mugongo” kugira baburanire inyungu zabo. Bakaba basaba ko itegeko ryasinywe n’umukuru w’igihugu rivuga ko abanyeshure ba kaminuza bazoza barahabwa agafashanyo nk’ingurane bazosubiza abamaze amashure ko ryofutwa.

Icegera c’umuyobozi w’ibikorwa vy muri kaminuza hamwe n’umutekano wiyo kaminuza, yavuze mu ndwi iheze munama yari kumwe n’abo banyeshure ati: “ Itegeko ryasinywe n’Umukuru w’igihugu risubiramwo ibijanye no gutanga agafashanyo ku banyeshure ba Kaminuza y’Uburundi ntirihinduka kandi rizoguma uko mu gihe Pierre Nkurunziza azoba ari Umukuru w’igihugu”; ubwo bukaba ari uburyo bwo kunumya abo banyeshure ivyo basaba biciye ku kubatera ubwoba.

Abanyeshure bari bitavye iyo nama babona ko ayo majambo ari ayo “gutera ubwoba” abanyeshure imbere yuko Umuyobozi w’iyo kaminuza asohorera ingabisho yuko kuwambere ari umusi ntarengwa wo kwitaba imirimo.