Friday, October 7, 2022
HomeNewsAbanyeshure Bo Muri Kaminuza Y’Uburundi Bariyamiriza Uguhabwa Ingurane bwa Gafashanyo.

Abanyeshure Bo Muri Kaminuza Y’Uburundi Bariyamiriza Uguhabwa Ingurane bwa Gafashanyo.

Mu kiganiro Umuvugizi w’Umukuru w’igihugu, Jean Claude KARERWA, yahaye Radio France Internationale, arasigura ko umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA ko atiteguriye guhagarika itegeko yasinye ryerekeye gutanga agafashanyo bwa ngurane ku banyeshure bo muri Kaminuza.

Ahubwo ahanura abanyeshure bahabwa ako gafashanyo kutumviriza “amajambo y’abanyapolitike babahenda”. Ku bwa KARERWA, iryo tegeko riteye impari ryavuye mu nama rukokoma y’indero yabaye muri KIGARAMA 2014, iyakoranije abaserukira abanyeshure, abavyeyi hamwe n’abigisha.

Umuvugizi w’umukuru w’igihugu avuga ko hazoba isekeza ryo kwumvisha abo banyeshure bo muri Kaminuza kugira batahuzwe ivyerekeye iryo tegeko.

Imwe mu Nyubakwa za Kaminuza Y’Uburundi

Umuyobozi wa kaminuza y’Uburundi, Gaspard BANYANKIMBONA, nawe niko abaona ibintu. Aragabisha abanyeshure baserukira abandi barenga 80 ku rwandiko basinye rurungikirwa umukuru w’igihugu(Ultimatum). “Ingorane zizokurikira zizoazwa abanyeshure basinye kuri urwo rwandiko, Atari abanyeshure bose”, niko BANYANKIMBONA avuga.

Muri urwo rwandiko rwarungikiwe umukuru w’igihugu itariki 24/03/2017, abanyeshure ba Kaminuza y’Uburundi biciye ku babaserukira basavye Umukuru w’igihugu ko yohagarika iryo tegeko rishiraho ugautanga agafashanyo bwa ngurane.

Bakibutsa Umukuru w’igihugu ko ingaruka zibabaje ziryo tegeko ko zizoba ku mwana nyarucari.Abo banyeshure bavuga ko biteguriye guhagarika ivyigwa itariki 5/4/2017 mu gihe batokwishurwa neza ku gisabo cabo.

Abanyeshure bagenzi babo bo muri Kaminuza Nderabigisha ENS bobo bakaba baza barahagaritse ivyigwa kuva ku musi wa gatanu itariki 24/03/2017.

Must Read

Cibitoke: Umusirikare umwe yarapfuye mu ntambara zabahuje mu kibira n’umuhari FDLR...

0
Umusirikare umwe niwe yahasize ubuzima uyundi arakomereka mu ntambara zimaze imisi mw'ishamba cimeza rya Kibira zihuza igisirikare c'uburundi hamwe n'umuhari w'abanyarwanda wa FDLR....