Abanyamurenge ngo bazoguma bibutsa ko Rwasa ariwe yabahekuye mu Gatumba

0

Abanyamurenge ku ncuro yabo igira 11 bibuka amabi bakorewe bakicirwa ababo barenga 160 mu gatumba aho umuhari wari mw’ishamba uharanira agateka k’aba Hutu FNL palipehutu wahavuye uba Fnl waciye wemera ko aribo babishe, basubiye kuja kubaza iyo amatohoza ageze.

amwe mu mafoto yabanyamurenge bishwe
amwe mu mafoto yabanyamurenge bishwe

Umwe mu baserukira iyo miryango y’abanyamurenge yamenyesheje SOS MEDIA ko batazohagarika gusaba ubutungane bwa Bujumbura na Mpuzamakungu kugira bahane abemeye ko bakoze ubwo bubisha.

Bakaba banamenyesheje ko kuba rwasa agathon yaratowe ngo aserukire abanyagihugu kitazobuza ko babandanya urugamba rwo kwitwarira abakoze ayo mabi, ngo naho amategeko abibarekurira guserukira abarundi, ariko nabo ngo bararekurirwa gusaba ko ubutungane bwokora.
3108231599_2_7_kmf0sigo_0

Iyo miryango ikaba yamenyesheje ko mu kwitwara bitwariye Pasteur Habimana we yari umuvugizi w’uyo muhari yemeye bukeye ko aribo bagandaguye izo nzirakarengane, uwundi bitwariye ni Rwasa Agathon yatwara uwo muhari ico gihe.

Mwomenya ko hari ukutabona kumwe ico kibazo hagati ya Rwasa Agathon na Pasteur Habimana kuko umwe ata ikosa kuri mugenziwe.