Abanyamigambwe bahinduye imvugo kuvyerekeye ikibazo kijanye n’ikiringo ca gatatu ca petero nkurunziza

0

Hoba habaye iki? Hari icatumye bahindura kuvyo bari bashikirije? Aho ni kubanyamigambwe baraye bamenyesheje ko mu biganiro bazogirana n’ubutegetsi bongeyemwo ikibazo c’ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu. Bakaba basa n’abahinduye imvugo kuko ubwa mbere bavuga ko atavyo kuyaga ivy’ico kiringo ahubwo kwakwiye gukinjura akabisa abandi.

Ivyo rero bikaba vyashikirijwe n’imigambwe 17 iri muri wa murwi w’abiyiyemeje kurwanya ico kiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu,ikindi naco nuko babishikirije inyuma y’imisi mikeya habaye Inama y’abakuru b’ibihugu vyo muri afrika y’ubuseruko.

UBM News twobibutsa ko Kuri urwo rupapuro abadaharanira inyungu za politique bakaba batashizeko urukumu, bikaba biteye amakenga mu gihe bazoshira ahabona irindi tangazo rishobora kutavuga rumwe n’iryo.