Abanyamakuru b’abanyamahanga ngo nibo batuma abantu biyamamaza

0
Umunyamakuru wa France 24 yatswe uburenganzira bwo gukorera i Burundi
Umunyamakuru wa France 24 yatswe uburenganzira bwo gukorera i Burundi

Uburyo bwo kwiyerekana ngo buzoja burahinduka nkuko bishikirizwa na bamwe mu bateguye iyo myiyerekano imaze ikiringo c’ukwezi n’inusu, bakamenyesha ko iyo itazohagarara Petero Nkurunziza Atarekuye iyo mandat kuko ariyo yatumye baja mw’ibarabara.

Naho bavuga ko batazova mw’ibarabara, muri ino misi igitigiri gito c’abiyamamaza kibananya kigabanuka, ivyo ngo bikava kuko  abapolice n’abasirikare babarasa iyo bagiye mw’ibarabara, ngo kubwa abatunganya iyo myiyerekano ngo bumvise baguma baraswa baca bigumira mu mazu.

Abafise ikibazo s’abo gusa ahubwo n’abamenyeshamakuru b’insamirizi canke imboneshakure mpuzamakungu nabo batungwa urutoke n’ubutegetsi bwa Nkurunziza kuba aribo bakokeza ngo   abanyagihugu baje mw’ibabaraba , kubwa Leta ya Bujumbura ngo nukugira abo bamenyeshamakuru barabe ko baronka ivyo berekana ku mboneshamakure zabo.

Mwokwibuka ko umumenyeshamakuru w’ikinyamakuru c’Ubufaransa FRANCE 24 yatswe uruhusha rwo gukorera I Burundi kubera ngo yatanga amakuru ahengamye nkuko vyemezwa n’abatwara ikigo CNC.