Abanyamahanga 18 bafatiwe mu Burundi

0

Abanyamahanga bagera kuri 18 bafatiwe mu Burundi bafise ibibaranga vya magendu. Abo bantu bafashwe ni abo mu gihugu ca Bangladesh.
Bose uko ari 18, igiporisi c’Uburundi cabafatiye mu nzu iri mu Kajaga mu gisagara ca Bujumbura.

Moise Nkurunziza, icegera c’umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi amenyesha ko abo bagabo bose bari mu nzu imwe, ata n’umwe basanze afise uburenganzira bwo kuba mu Burundi, n’ibibaranga bari bafise (Passeport), akaba vyari ivya magendu.

hang

Abo bagabo uko ari 18 bo muri Bangladesh bari bafise kandi ibipapuro vy’inzira (passport ) 31, bikaboneka ko ari ivya magendu.

Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko bamwe muri abo bantu bafashwe bari bafise ibipapuro vyo muri Afrika y’epfo.

Moise Nkurunziza, icegera c’umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi ashikiriza ko hatanguye amatohoza yo kumenya ico abo bagabo bakora mu Burundi, n’ukuntu bahashitse.