Abanyagihugu b’i Bujumbura Baridogera Ukubura Kw’Igitoro.

0

Kuva Ntwarante 28/2017, hari imirongo miremire y’imodoka zirindiye kuronka igitoro ku ma stations atandukanye mu gisagara ca Bujumbura. Abanyagihugu b’I Bujumbura bakaba bafise ubwoba ko ukwo kubura kw’igitoro gushobora kwunyuka. Ariko umushikiranganji w’ubutare n’Amasoko ntanganguvu arabaremesha.

Uwunyonga imodoka umwe yavuze ati : “ Nzinduka isaha cumi nimwe zo mu gitondo ariko nkabura igitoro. Igitoro gihabwa abategetsi gusa”. Avuga kandi ko haba amasanganya igihe imodoka ziriko zitonda zegera kuri station kugira zironke igitoro.

Kuri station y’igitoro yo mu kigobe, Top One, abanyonga imodoka baridoga ko igitoro gitangwa ‘hakoreshejwe agatumba, hari bamwe basimba umurongo hama bakironkera ico gitoro mu gihe abandi baba bagitonze kugira baronke’.

Ubukene bw’igitoro buribonekeza ku ma stations atari make mu gisagara ca Bujumbura

Abanyonga imodoka baridoga bavuga ko batazi uko imiryango yabo igiye kubahao mu gihe ibintu vyobandanya vyunyuka. Bavuga ko ‘bashobora kumara umusi badakoze kandi bitezwe ko bategerezwa kuriha amahera nyene imodoka’.

Mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura naho nyene nta gitoro kihari. Amashami ya Engen na Kobil nta gitoro yinjije mu Burundi kuva mu kwezi guheze kubera ukubura amafaranga y’agaciro.

Daniel MPITABAKANA, ajejwe ivy’ igitoro mu bushikirangaji bw’ubutare n’amasoko ntanganguvu, avuga ko imirongo y’imodoka irindiriye igitoro hirya no hino mu gisagara ca Bujumbura itumwa nuko umuhora wa internet wo muri OBR ugize imisi ufise ibibazo udakora neza.

Avuga ati: “Hafi imisi itatau mwiyinga kuva itariki 20 gushika 26 za Ntwarante, imiduga izana igitoro ntivyakunze ko ijabuka umupka bivuye ku kuba ukwandikwa( Enregistrement) kwagize ibibazo”.

MPITABAKANA kandi amenyeshako ubwoba bw’uko igitoro gishobora kubura mumisi iri imbere arivyo bituma abanyonga imiduga baca bihutira kwuzuza imiduga yabo ibitoro bigaca bituma haba imirongo myinshi cane yabarondera ico gitoro mu gisagara ca Bujumbura.

“Twashaka kwizeza abanyagihugu ko igitoro kihari naho haciyemwo ingorane z’ubuhinga”, niko Mpitabakana amenyesha.