Muri Zone Gasenyi aho ibikorwa vyo kwbaka Ikirimba c’umukuru w’igihugu biriko birabandanya, abanyagihugu bahegereye ntibarashumbushwa. Uhashitse, usanga hari amazu yubatswe mu buryo bukomeye, harimwo n’ama etages. Abanyagihugu bafashwe nitegeko ryuko bazohava ntibazi gushika ubu uko bazoshumbushwa.
Nkuko abanyagihugu baba aho hariko hubakwa ikirimba c’umukuru w’igihugu babivuga, ubutegetsi bwarai bwafashe umugambi wo gukoresha ama hectares 40 kugira hakoreshwe mu kwubaka ico kirimba, kandi benshi murabo batswe amatongo baramze gushumbushwa.Umuryango wose wari wahawe 2500 fbu kuri metero kwadarato, ayo abo banyagihugu babonye ko ari make cane.
Abo banyagihugu baribaza igituma ama hectares 160 yarongeweko. Kuri ubwo buringanire, abanyagihugu bari bamaze kwubaka inzu zikomeye, bamaze no kuhimukira, baribaza nimba ayo mazu agiye kubomorwa.

Bamwe mw’abo banyagihugu bavuga bati: “Twibaza ko ama hectares 40 yari akwiye kugira hubakwe ikirimba c’umukuru w’igihugu, nico gituma twakoresheje uburyo bwinshi kugira twubake amazu meza kandi akomeye, none tuzoshumbushwa turavye uburyo bwinshi twakoresheje mu kwubaka amazu yacu?”
Nkuko amakuru abandanya abivuga, ku ma hectares 160, lete irafise umugambi wo kuhubaka n’ikambi ya gisirikare muri kazoza, ama centres de santé hamwe n’amazu yo gupangisha ku Bashingamateka bazoba bariko bakora mu mabanga yabo.
Ejo bundi ku wakane 23/03/2017, Buramatari w’intara ya Bujumbura yarakoresheje inama nabo banyagihugu baba mu gasenyi barajwe ishinga nico kibazo. Ingingo zafashwe zikazomenyekana mu ndwi iza.
Recent Comments