Abantu cumi na bibiri bahagaritswe n’igiporisi mu Cibitoke

0

Igiporisi cazindutse cugarije mu gatondo ko kuri uwu wa mbere amabarabara amwe amwe ya karitiye ya Mutakura, hamwe n’amabarabara amwe amwe ya zone Cibitoke, mu gisagara ca Bujumbura. Abantu bagera kuri 12 nibo bahagaritswe ku mvo z’amatohoza y’igiporisi.

OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, amenyesha ko batatu muri abo 12 bahagaritswe bagirijwe ko badafise amakarata karangamuntu, nayo abo bandi icenda nabo bakaba batari bafise udukaye tw’ingo abanyagihugu bose bo mu gisagara ca Bujumbura bategekwa kuba bafise.

comu

Mu gihe ata gikoresho ca gisirikare canke ikindi kintu giteye amakenga cafatanwe abo bantu cumi na babiri, mu giporisi c’Uburundi bavuga ko abo bafashwe baca barihishwa amande, bongere bategekwe kurondera ivyo vyangombwa badafise.

Ku bijanye n’ayo makaye y’ingo abanyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura bategekwa kuba bafise, tubibutse ko haheruka gushirwaho gatabo gashasha kagurwa amafaranga ibihumbi bibiri, akaba ariko kagiye gusubirira ikaye y’urugo (Cahier de menage) yahora isabwa abanyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura, ikandikwamwo ababa mu ngo.

Umukuru w’igisagara ca Bujumbura Freddy MBONIMPA avuga ko ago gatabo kagenga ingo kagiye kugurwa amafaranga ibihumbi bibiri vy’amarundi, gasubiriye ikaye zahora zisabwa n’abajejwe umutekano mu bikorwa vy’ugusaka. Freddy MBONIMPA avuga ko ako gakaye kahahora kahora kuzuzwa nabi.

mairi

Mu ndinganizo nshasha y’ako gatabo k’ingo. komine yose irisangije ibara, kakaba karimwo amategeko ngenderwako agenga imiryango n’ingene urugo rutunganije (nyene urugo n’ibimuranga, umukenyezi wiwe n’ibimuranga, abana, abashitsi hamwe n’abo atunze.

Umukuru w’igisagara ca Bujumbura amenyesha ko abanyagihugu bose bategerezwa kuzoba baguze utwo dutabo mu kwezi kw’umunani, uwuzobirengako akazofatwa nk’umugarariji azoca ahanwa n’amategeko y’igihugu, nk’uko vyashikirijwe na Freddy MBONIMPA arongoye igisagara ca Bujumbura.

Bamwe mu banyagihugu twaganiriye baranegura ingene abajejwe intwaro babandanya gufata ingingo z’amafaranga batangishwa, kandi basanzwe bari mu bukene butagira izina.

Iyo ngingo y’ukuzogura agatabo k’ingo ifashwe inyuma y’iyindi yaheruka gufatwa mu gisagara ca Bujumbura, aho umuryango wose urihishwa amafaranga igihumbi y’amajana atanu y’amarundi ku kwezi, ayo nayo akaba ari ay’ishirahamwe rikura umwavu mu ngo. Abanyagihugu bavuga ko batagishwa inama muri mwene izo ngingo zibasaba gutanga amafaranga, aho mbere mukamenya ko n’umusore adateka atangishwa amafaranga amajana atanu ku kwezi, agahabwa ishirahamwe rikura umwavu mu ngo.