Abantu Cumi Barakomeretse, Amazu Menshi arasamburwa Bivuye Ku Mvura y’Isegenya I Gihanga.

0

Amakuru ava aho I Gihanga avuga ko ubutegetsi bwaho bumaze guharura amazu yabomotse 314 mu ma villages ya 1,2 na 3 n’imvura y’isegenya yaguye mwako karere mwijoro ryuwa 22/03/2017 ku musi wa gatatu.

Abantu 16 barakomerekejwe nibibomoka vy’inzu, hama batwarwa ku bitaro vy’I Gihanga. Utubarabara dutoduto two muri Village ya 1 muri Commune Gihanga natwo nyene twaracitse bivuye ku myuzurira yiyo mvura.

Ejo hahise ku musi wa kane, imodoka n’amapikipiki ntivyashobora kurengana. Abanyagihugu benshi baho I Gihanga bari mu kangaratete, babuze ico bafata n’ico bareka, ibikoresho nivyo bari batunze bikaba vyarononywe n’iyo mvura, bakaba basaba imfashanyo yihuta y’ibifungura, amahema, imisegetera hamwe n’ivyo kwifuka.

Abategetsi barakoze urutonde rwivyari vyononekaye.Mu ntango kandi y’iyi ndwi, imvura y’isegenya yarononye vyinshi muri zone ya Buterere na Carama muri Zone Kinama, komine Ntahangwa mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura. Hakaba hari n’umusirikare w’igihugu yahasize ubuzima kubera iyo mvura y’isegenya.