Abantu bataramenyekana barateye agace gahana urubibe Urwanda n’Uburundi.

0

Igipolisi c’Urwanda kimenyesha ko hari umurwi w’abantu bitwaje ibirwanisho wateye mw’ijoro rishira uyu musi wa gatatu 20 Rueheshi 2018 mu gace ka Nyaruguru, muri village ya Rwerere mu gihugu c’Urwanda.

Igipolisi c’Urwanda kikaba kimenyesha ko abo bagizi ba nabi bateye baje bava mu gace k’ishamba rya Nyungwe gahana imbibe n’igihugu c’Urwanda n’Uburundi, ari nayo nzira bongeye gucamwo mu gusubira inyuma.

Igipolisi c’Urwanda kikaba camenyesheje ko abo bagizi ba nabi barashe abantu 5, babiri barapfa, naho 3 barakomereka barimwo Umunyamabanga nshingwabikorwa wo muri ako karere.Abakomeretse bajanywe mu bitaro vya Munini aho bariko bavurirwa n’abaganga.

Abo bagizi ba nabi bakaba banaturiye imodoka y’Umunyamabanga Nshingwabikorwa, banagerageza no kwiba ariko ntibashobora kugira ico batwara.

Abayobozi n’abashinzwe umutekano bakoze inama n’abanyagihugu yo guhumuriza abanyagihugu kandi ko abo bagizi ba nabi bakironderwa iyo binyegeje.