Abantu batandatu bishwe mu ndwi imwe

0

Icegeranyo c’ishirahamwe Ce rapport de SOS-Torture co kuva kw’igenekerezo rya 29 Ndamukiza gushika kurya 6 Rusama 2017 ku bijanye n’agateka ka zina muntu mu Burundi, kivuga ko abantu batandatu aribo bamenyekanye ko bishwe muri ico kiringo, benshi muri abo bakaba baguye mu bitero vy’abitwaje ibirwanisho atawuramenya ababikoze.

Muri ico kiringo nyene, abagera kw’icenda barakomeretse mu bitera vy’amagerenade vyakozwe muri zone ya Kamenge, muri komine Ntahangwa, igisagara ca Bujumbura.

Muri ico cegeranyo ca SOS-Torture Burundi c’indwi imwe, bavuga kandi abanyarwanda babiri bafatiwe mu ntara ya Cibitoke, bakaba bafashwe n’uwutwara igendereza muri iyo ntara, nk’uko biri muri ico cegeranyo.

Abo banyarwanda babiri ntawuzi aho bapfungiwe, ishirahamwe SOS-Torture rikibaza ko abo bantu boba bahowe umubano mubi hamwe n’ukwikekana kuri hagati y’Urwanda n’Uburundi, ibihugu vyompi bisigaye bitarabana ryiza kuva mu kwezi kwa Ndamukiza 2015 hatanguye imyiyerekano y’ukwiyamiriza ugusubira kwitoza kwa Petero NKURUNZIZA.