Mu gatondo ko kuwa 24/04/2017, amasasu yarumvikanye mu bice vya Kigobe ya koimine Ntahangwa mu Gisagara ca Bujumbura. “ Umupolisi yariko akurikirikirana uwunyonga ‘tuk-tu’ yariko agerageza guhunga. Aho guhagarara, ayaragerage kwiruka hama umupolisi aca arasa mu kirere kugira amuhagarike. Uyo mupolisi akaba yarahagaritswe kubwamatohoza”, niko Perre Nkurikiye, Umuvugizi w’Igipolisi avuga.
Pierre Nkurikiye aravuga kandi ko amasasu yumvikaye mu gace ka kanyosha mu gisagara ca Bujumbura mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura. Hari isaha zitandatu n’iminota 20 z’ijoro igihe umupoilisi yarasa mu kirere kugira yankire abasuma bariko bagerageza kwiba mu nzu yo murako karere”, niko Nkurikiye avuga.
Mwijoro ryo kuwa 22/04/2017, Uwitwa Jean Claude Bashirahishize, yarasanzwe aba muri zone Rukina muri Commune Mukike mu Ntara ya Bujumbura, benshi bakunze kwita Bujumbura Rural,yarishwe arashwe n’abasirikare bo muri pisition y’igisoda ya Ruhororo.

Severin Ndayizeye, umutwarre mwako karere ka Rukina, avuga ko uyo musore akiri muto yarashwe n’umusirikare igihe yagerageza guhunga bariko barasuzuma karangamuntu. Gaspard Baratuza, umuvugizi w’igisirikre, nawe aremeza ivyurwo rupfu rwa Jean Claude Bashirahishize ko yari yagerageje guhunga. Uyo yishwe akaba yariko yiyunguruza ava mu gisagara ca Bujumbura, nkuko amakuru abandanya abimenyesha ava mwako karere.
Ku wa 23/04/2017, umuvyimba wa Asmane Nduwimana, umushoferi aba muri zone ya Buterere mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura, watowe mu bice vya Kanyosha mu bumanuko bw’igisagara. “ Imodoka yiwe yo mu Bwoko bwa Probox yibwe n’abantu batazwi”, niko Pierre Nkurikiye avuga.
Umupfasoni umwe wo ku musozi wa Musenyi muri komine Cankuzo mu buseruko bw’Uburundi hamwe nuyundi ava ku musozi wa Taba ya Commune Songa mu natara ya Bururi mu Bumanuko bw’Uburundi, nabo barishwe n’abantu batazwi. Muri utwo turere uko ari tubiri, hari umuntu umwe yahagaritswe ku bw’amatohoza.
Jean Baptiste Nsabimana, asazwe aharanira agateka ka zina Muntu, avuga ko imivyimba y’abantu 10 yatowe. Avuga kandi ko abantu 14 babuzwe irengero ryabo, 22 barasinzikarizwa ubuzima, abandi 166 barahagarikwa barenganijwe, ibi bihe vyose bikaba vyaribonekeje mu bice bitandukanye vy’igihugu kuva itariki 1 Ndamukiza gushika 23 Ndamukiza 2017.
Recent Comments