Abandi banyeshure bo muri kaminuza bari bitezwe ngo batarwe mu mvuto

0
dsc07739-e66fb
Simon Marie Rurasuma aserukira abanyeshuri ba Kaminuza y’Uburundi

 

Uwa kabiri w’umwijima w’umuzimagiza n’umusi washizweho n’abanyeshure ba kamenuz y’uburundi aho bibuka bagenzi babo bafashwe ku musi nkuwo bahorwa ko batutsi umukuru w’igihugu naho bitashoboye gusigurwa n’umucamanza.

hari ku musi wa kabiri igenekerezo rya 22 ndamukiza aho abanyeshure bashika ku 300 baserukira abandi muri kamenuza y’uburundi bahurira kw’ishure IPA riri mwi Rohero, bagafata urugendo rwari rugamije kubashikana kwi bohero rya Mpimba aho bari bagiye kuraba abagenzi bababo Rene Nshimirimana na Yohani Bosco Nibizi. Bagitse ntya baza babana kwi barabara rya musaga barwanyeko n’aba Police bari babategereye, bakaba baciye babamenyesha ko bakwiye gusubira inyuma hakagenda abadashika 5 gusa.

Urwo rwaruka rukaba tutashatse guhangana n’aba Police rusubira inyuma kuko imburi zari zabonetse zivuga ko hari n’abandi bashaka gutabwa mu mvuto harimwo Simon Marie Rurasuma aserukira abanyeshuri ba Kaminuza y’Uburundi akaba ari nawe ari imbere mu bari bagiye kwi bohero bashiriye agakemanyi abo bagenzi babo naho katashoboye gushika.

” Tugire iteka n’ubutungane kuri bose” niryo jambo ryakoreshejwe n’uwo yararongoye abo banyeshure inyuma y’ugushika mu bigo vya Kamenuza baherekejwe n’aba Police, akaba yaciye amenyesha ko hagiye gutangura amanama kugira barabe uko ibikorwa vy’umusi wa kabiri w’umwijima w’umuzimagiza wobandanya. Eka ntiyibagiye kumenyesha ko ibikorwa vyari vyahagaze bica bitangura.

dsc07720-2-8cd32 dsc07713-bda7e dsc07734-e6d59