Abandi bakozi babiri bo mw’ibohero rikuru rya Mpimba batawe muri yompi

0

Inyuma y’ihagarikwa hamwe n’ipfungwa rya Grégoire Nimpagaritse, umuyobozi w’ibohero rikuru rya Mpimba abarizwa kuva ku munsi wa gatandatu mu gasho k’igendereza i Bujumbura, n’abandi bategetsi babiri bo muri iryo bohero rya Mpimba bahagaritswe ku muhingamo wo kuri uwu wa mbere.

Bose uko ari batatu bagirizwa umunyororo yahawe uruhusha rw’ukuja kwivuza hanze y’ibohero rikuru rya Mpimba, agaca atoroka.

Abo babiri bafashwe kuri uwu wa mbere ni icegera c’umuyobozi w’ibohero rya Mpimba, hamwe n’umukuru w’ivuriro (Dispensaire) ryo mw’ibohero rikuru rya Mpimba, risanzwe rivura abarwayi bo muri iryo bohero.

Uwo munyororo yatorotse yari uwafashwe yagirizwa ko ariwe akura ibirwanisho mu Rwanda, akavyinjiza mu Burundi kugira bihabwe abarwanya ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.

Uwo munyororo yahawe ruhusha rw’ukuja kwivuza hanze y’ibohero rikuru rya Mpimba, uwo nawe aca aratoroka ntiyagaruka mw’ibohero.