UBM News ads
Monday, October 2, 2023
No menu items!
UBM News ads

Abana bato baremeza ko Pr. Petero Nkurunziza ariwe afukamye munda abarundi

UBM News ads

vlcsnap-2015-04-11-16h57m58s113

N’umwana muto aravuga ico yiyumvira ku bintu bitareka kuguma bizimba mu Burundi, akanavuga uwo yibaza ko abituma. Nayo ivyo akaba yabivuze aho hari haramutse haba imyiyamamazo y’umugambwe uri ku butegetsi.

Mu gihe abarundi baba abari i Burundi n’abari mu makungu babandanya bakoma induru ko ibintu biguma bizimba, ubuzima bw’abarundi kuva umugambwe CNDD FDD uja ku butegetsi haraheze imyaka ishika kuri 10 bwasubiye inyuma cane, n’abana batoya batanguye gutahura inyendamuvano ya ndyogo y’impamvu bari mwi barabara.

Muri kano gasanamu dukesha umumenyeshamakuru yigenga Teddy Mazina, umwana mutoya aravuga atarya umunwa ko umugambwe CNDD FDD hamwe n’umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero nkurunziza aribo bari inyuma y’izimba ry’ibintu mu Burundi. Abo bana bakaba bari bafise ibipurizo vya CNDD FDD.

Ako ga Sanamu kakaba kafashwe uno musi wa gatandatu igenekerezo rya 11 ndamukiza mu gihe hari haramutse haba imyiyerekano i Bujumbura y’aba CNDD FDD batari bake bari baje ngo kw’umviriza ijambo ry’ihumure.

Soma uko vyari biri ngaha ( abantu batari bake bitabiriye iyo myiyerekano)

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments