Umukuru w’inama nkenguzamateka Gervais Ndirakobuca yamirira kure abavyeyi bavuga ko abana babo ari bagufi kubera ari abahutu,kubwiwe ahubwo ni bagufi kubera babuze ibifungurwa bikwiye.
Agira ati:”uza wumva umuvyeyi avuga ngo uyu mwana wanje ni mugufi kubera ari umwana w’umuhutu,ivyo sivyo ahubwo yabuze ivyo afungura bikwiye”.

Umukuru w’inama nkenguzamateka Gervais Ndirakobuca asaba abarundi muri rusangi kwitaho gufungurira neza abana kugira tuzoshike kuri ya mbona kazoza dufise urwaruka ruciye ubwenge.
Abavyeyi benshi bakunda kwitwaza ko abana babo babaye bagufi kubera ari abahutu ariko sivyo.kubwa Gervais Ndirakobuca,abo bana kenshi usanga babuze ibifungurwa bikwiye bagaca baba bagufi.
Uwo arongoye inama nkenguzamateka asaba abagabo n’abarundi muri rusangi kwitaho,gufungurira infungurwa zikwije ibisabwa abagore kuva bagisama gushika ku myaka 3 niho havuka umwana afise amagara meza.
Ibi biri muvyo yasavye abanyagihugu bo mu ntara ya Bujumbura ku magenekerezo ya 10 gitugutu 2025 muri komine bukinanyana aho yasavye indongozi guhimiriza abenegihugu bafungueire abana neza niho hazoboneka abana banaciye ubwenge.





Recent Comments