Gukubagurwa, gutukwa, guhakwa gukubitwa vyose hamwe n’ibindi bisa nivyo, nivyo vyagiriwe bamwe mu bamenyeshamakuru bari bitavye mu giteramo ca Kidumu cabaye n’ijoro kuri Havana ahimbaza imyaka 40 avutse.
Nkuko abakubaguwe babivuga, barafashwe nabi barahakwa gukubitwa kandi bari bagiye gukora akazi kabo ka buri munsi . Biravurwa ko umuryango wa Kidumu yuko aribo batashatse kworohereza abamenyeshamakuru kwinjira mu kubategeka ko barinda gutanga ibihumbi 20000 nk’abandi bose.
Twarondeye kuri ngendanwa umwe mu bagize Umuringa bateguye ivyo biteramo vya kidumu ngo iryo kubagurwa no gufata nabi abamenyeshamakuru ngo vyagizwa umuryango wa kidumu harimwo uwitwa Aline na Claude bavukana n’imfura ya Kidumu, aho tumubajije we yavuze ati: “Ico nokubwira muri make nuko ivyabaye vyose kuri entrée bitabazwa Agence yacu Umuringa canke iyindi entreprise mais vyose bibazwa la Famille Kidumu composée par sa soeur, son frère ainsi que le fils ainé de Kidumu nibo bari ku muryango“.
Ibibazo umuntu ashobora kwibaza, mbega umuntu ateguye igiteramo canke ikindi kintu cose akagitegurira abantu kandi ashaka ko bakimenya ari benshi, umumenyeshamakuru canke ibimenyeshamakuru abibujije ninde ahomba? None uwo muryango wa Kidumu boba bataramenya neza akamaro abamenyeshamakuru bakora?
Ivyo bigatangaza abamenyeshamakuru mu gihe nabo babaha ibiganiro vyo kumenyekanisha ivyo biteramo ata mahera barinze kubasaba. Kuruhande rw’abamenyeshamakuru bagasaba kwivyo bintu vyohinduka kubona bahabwa agaciro iyo babatumbereye babasaba ivyo biganiro ariko mu biteramo n’inyuma yavyo bakabaraba nk’imbwa ihaze igufa.
Ko abo bavukana na Kidumu, uyu musi ari igihangange mu makungu abo bamenyeshamakuru boba ataco bamufashije kugira agera kuriyo ntambwe ikomeye?
Ivyo biriko bishika kandi mu gihe mu mwaka uheze muri Buja Fest Summer ya Kidumu nyene abamenyeshamakuru bankiwe kwinjira ngo mpaka barinze kuriha nk’abandi no muri Final ya Primusic 2014 aho abamenyeshamakuru bahatswe gukubitwa bariko barafata ama foto.
Recent Comments