Abakozi Bagiye Gutagura Gukatwa Imishahara Yabo Guhera Muri Nzero 2018 ku Bw’amatora ya 2020.

0

Umushikiranganji w’abakozi ba leta n’akazi, Félix Mpozeriniga, yarasohoye itangazp ku mus iwa kane avuga ibijanye no gushira mu ngiro itegeko nshikiranganji rijanye no gutoza intererano ku bw’amatora ya 2020, harimwo n’intererano iva mu bakozi ba leta.

Iryo tegeko nshikiranganji rishiraho ibijanye no kwegeranya intererano ryasinywew n’abashikiringanji b’ikigigega na leta Domitien Ndihokubwayo n’uw’intwaro yo hagati Pascal Barandagiye ku wa 11 Kigarama 2017.

Rero, ku bwa Mpozeriniga, « mu gushira mu ngiro ingingo nshikiranganji ya 7, iishahara y’anakozi izotangurara gukatwako intererano y’amatora ya 2020 guhera mu mpera zo muri kuno kwezi kwa mbere 2018 », maze ikazoza irakatwa ku mushahara w’intango ummukozi ahembwa( salaire de base).

Abaterera muri ico gikorwa cokwitegurira amatora bakaba abshizwe mu migwi itatu aribo : abakozi ba leta, abikorera utwabp n’uwundi mugwo wiswe « abandi ».
Soma kandi ngaha kugira umenye uko imishahara igiye kuzoza irakatwako intererano z’amatora:
Uko Intererano Zigiye Gutozwa Kubw’ Amatora ya 2020.