Umuvugizi w’ishirahamwe OLUCOM Jean Nduwimana aranegura ingendo y’igipolisi c’uburundi kiriko kirasahura aba kongomani bashorera igitoro muri zone gatumba komine Mutimbuzi.Abo bakongomani bari bamaze imisi bashorera igitoro muri zone gatumba bavuga ko banyazwe ama bidon y’igitoro agera ku bihumbi bine n’amajana atanu(4500)ku musi wa kane w’iyi ndwi irangiye bikozwe n’igipolisi.

Inyuma yaho mu gihugu c’uburundi hibonekeje ikibazo c’igitoro mbere kigiye kumara imyaka 2,abanyagihugu bava muri Kongo bamaze imisi bashorera igitoro cabo mu komine mutimbuzi zone gatumba kandi ico gitoro kikaba cari kimaze imisi gifasha abari bake muburundi kuko bakironka vyoroshe ubona ko muri kongo igitoro Atari ikibazo.
Ariko kuri uwu wa kane turangije abo banyagihugu bavuga ko bambuwe n’aba polisi b’uburundi bakorera muri ako gace ama bidon y’igitoro agera kuri 4500 kandi bari baje gufasha abarundi kugira baronke igitoro vyoroshe.abo bakongomani bagasabwa gutanga ibihumbi 100 vya baje kugira bamenyekane hamwe n’ibihumbi 10 vy’ikibanza.
Muri OLUCOM bavuga ko Leta y’uburundi yokwubahiriza abo ba kongomani baza gushorera igitoro mu Burundi kuko baza gufasha igihugu narirya uburundi buri mu kibazo c’ikena ry’igitoro.
Jean Nduwimana asanzwe avugira ishirahamwe Olucom avuga ko Leta yategerezwa kubafata neza ikabiyegereza ntibanyarwe igitoro cabo kandi bacinjiza bizwi ku rwego rw’intara,komine na zone.Jean Nduwimana akavuga ko naho urwo rudandazwa rutemewe n’amategeko Leta yobakira neza kubera ibibazo igihugu kimazemwo imyaka itari mike,ntawundi muti uhari kugira igihugu kinbandanye kibaho canke abanyagihugu babandanye biyunguruza Atari kugura ivyo bitoro biva muri ivyo bihugu duhana imbibe.





Recent Comments