UBM News ads UBM News ads
Thursday, May 23, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Abakenyezi n’abigeme banyazwe ivyabo mu rwimo rwa 1972 bagiye kubishumbushwa-Pierre Claver Ndayicariye.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Pierre Claver Ndayicariye arongoye umurwi ujejwe kumenya ukuri no kunywanisha “CVR” avuga ko mw’ihonyabwoko ryabaye mu mwaka wa 1972-173 basanze abakenyezi n’abigeme barahohotewe bikomeye kubw’ivyo hagiye kujaho itegeko riha ububasha umurwi CVR bwo gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo vyahora bikorwa n’umurwi CNTB kugira batunganirize abarenganijwe.Pierre Claver Ndayicariye akaba ahumuriza abanyazwe ivyabo mu rwimo rwa 1972 cane cane abigeme n’abakenyezi ko bagiye kubishumbushwa inyuma yuko iryo tegeko rigiyeho.ibi yabivuze kuri uyu wa kane mu kiganiro yaremesheje mu gisagara ca Bujumbura.


Pierre claver Ndayicariye yaremenyeshe ico kiganiro yavuze ko mu ntumbero yo kwitegurira yam bono kazoza ya 2040-2060 umurwi CVR ubona ko idashoboka abakenyezi basizwe inyuma.arico gituma umurwi CVR watunganije ico kiganiro mu ntumbero yo gutanga umuco kuvyerekeye ihonyabwoko rya 1972 aho abakenyezi n’abigeme nabo bakorerewe amahano akomeye.

Uwurongoye umurwi CVR yamenyesheje ko basanze abakenyezi n’abigeme barahohotewe bikomeye.yagize ati:«twatunganije kino kiganiro kugira dutange umuco w’ihonyabwoko ryabaye mu mwaka wa 1972 aho dusanga abakenyezi n’abigeme nabo barakorewe amabi menshi barahohoterwa.bamwe barafashwe ku nguvu n’abicanyi bahejeje kwica abagabo babo.Ivyo bari batunze vyarasahuwe bisigura gushika uyu musi abakenyezi bahohotewe bafise agahinda n’ibikomere mu mitima.»

Pierre claver Ndayicariye yarangije ikiganiro amenyesha ko CVR ugiye guhabwa ububasha bwo gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo y’igihugu aho abo bakenyezi n’abigeme barenganijwe bazoheza bagashumbushwa.

Umurwi CVR naho ushimikira kubwicanyi bwabaye mu mwa wa 1972 gusa abarundi bapfuye mu mwaka wa 1993 nabo barakenewe kurenganurwa tutibagiye ko no mu mwaka wa 2015 abarundi benshi isinzi nabo bishwe hakaba hakwiye amatohoza y’imbitse kugira abagiye bakora ubwicanyi abenegihu b’inzirakarengane nabo bahanwe.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments