Abakekwa kwica Gen Adolphe Nshimirimana batanguye kumenyekana

0

abakekwa kwica Gen Adolphe Nshimirimana boba batanguye kumenyekana aho Umushoferi wo mu biro bikuru vya gisirikare azwi kw’izina rya VYAMANGA ariko araronderwa n’abajejwe umutekano.

general-nshimirimana-adolphe-2-d4145

Akekwa ko yoba ari mubishe Général Adolphe NSHIMIRIMANA kuri uyu w’Imana, Abapolisi n’abasirikare bazindutse basaka ku rugo rw’umuvyeyi wa VYAMANGA ruri ku musozi wa kibimba muri commune Mabanda intara ya MAKAMBA.

Uyo muvyeyi ari n’umukukuruke mu gisirikare, yaciye ahagarikwa ajanwa mu biro vy’iperereza i Makamba aho ariko abazwa iyo umuhungu wiwe ari.