Abagirizwa guhirika ubutegetsi bahora bafungiwe i GITEGA ubu umwe wese apfungiwe mu kumba kiwe.

0

Ingingo y’ugushira mu kibanza ca bonyene abanyororo bagirizwa ihirikwa ry’ubutegetsi yagiye mu ngiro kuri uwu wa kabiri, umunsi wagira gatatu igiporisi cugarije ibohero rikuru rya Gitega. Général Cyrille NDAYIRUKIYE ari kumwe n’abandi bagirizwa icaha kimwe, baraye ijoro rya mbere mu kibanza ca bonyene.

ss

Abapolisi barenga ijana bari barongowe n’Umukuru w’igipolisi mu ntara zo hagati mu gihugu, komiseri AYUBU, uwurongoye igendereza mu ntara ya Gitega, hamwe n’umuyobozi w’ibohero rya Gitega, barugarije kur’uwu wa kabiri ibohero rya Gitega, ahapfungiwe abanyororo bagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi bwa Petero Nkurunziza.

ds

Abo baporisi bambaye inkinzo bafise nivyuka bikoroza amosozi binjiye muri iryo bohero kuva isaha cumi na zibiri z’agatondo, mu ntumbero yo gushira mu ngiro ingingo yafashwe n’umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika y’Uburundi, yo gushira abagirizwa ihirikwa ry’ubutegetsi mu twumba twa bonyene.
Mu gihe hari haheze iminsi ibiri ico gikorwa kinanirana gushirwa mu ngiro kubera abandi banyororo baca bashamirana n’abaporisi baba baje gushira mu ngiro iyo ngingo, kuri uwo munsi ugira gatatu, General Cyrile NDAYIRUKIYE yaciye asaba abanyororo bagenzi we kworohereza abo baporisi mu gikorwa cabo, gishirwe mu ngiro atakirinze kwononekara. Iyo ngingo ibona gushirwa mu ngiro, General Cyrille NDAYIRUKIYE n’abo basangiye icaha bashirwa mu kibanza ca bonyene.

drd

Umwe mubaburanira Général Cyrille NDAYIRUKIYE akaba abeshuza amakuru yagumye akwiragizwa ku mbuga ngurukanabumenyi, vuga ko Général NDAYIRUKIYE yoba yarasinzikarijwe ubuzima. Amakuru dufise akamenyesha ko abamuburanira bahawe isango ryo kubonana nawe kuri uwu wa kane.