UBM News ads
Tuesday, December 5, 2023
No menu items!
UBM News ads

Abaganga 130 nibo bamaze guta akazi kuva mu 2020 maze baja gukorera mu bindi bihugu.

Abaganga bangana 130 bahora bakorera mu bitaro bigera kuri 80 biri mu gihugu hagati barataye akazi kuva mu mwaka wa 2020 maze baja gukorera mu bindi bihugu. Vyaraye bishikirijwe n’umushikiranganji w’amagara y’abantu Muganga Syvie Nzeyimana hari kuri uyu wa kabiri igihe yariko yishura ibibazo vy’abashingamateka.

Uwo mushikiranganji akaba yishuye abashingamateka ko Leta imaze kumenya ico bivako ku bijanye n’abo baganga baguma bata akazi bakaja gukorera mu bindi bihugu, ko kandi igiye kugishikiriza vuba.

Muganga Sylvie Nzeyimana agira ati :«Ico kibazo c’abaganga bagenda, burya nsinovuga ko ari ica kera , ni ikibazo ca vuba. Burya abaganga benshi baba abanonosoye abo twita aba ‘spécialistes’ canke abo baganga b’aba ‘géneralistes’ benshi batanguye kugenda mu mpera z’umwaka wa 2020. Mu matohoza twagize, nuko ibitaro bishika 80 twasanze hagiye abaganga bashika 130. Ariko imbere yaho, ntabagenda , arico gituma ukwo kugenda kw’abaganga, novuga nti ntivyari bwadukore mu mutima kuko ntivyari bwibonekeze mu bitaro, ariko rero ubu biraboneka. Aha twotanga nk’akarorero nk’ibitaro vy’I Muramvya aho bagiye bose hagasigara umuganga umwe. (…) nico gituma twavuze ko iki kibazo tukizi kandi ni ikibazo gikenewe gutorerwa umuti vuba kuburyo nibaza yuko mu misi iza noza hano canke nkagira ico nshikirije nahandi tuvuga ico tugiye gukora kubijanye n’abo baganga bagenda»

Mw’ico kiganiro, Abashingamateka bakaba batatahuye igituma abo baganga baguma bata akazi ku bwinshi baja gukorera mu bindi bihugu kandi ibitaro vya Leta bakorerako bisanzwe bifise amakonte ariko amafaranga, ivyo babona ko abo baganga bari guhembwa umushahara ukwiye kugira bakore akazi babiryoherewe mu mutima.

Tubamenyeshe ko ubuheruka abaserukira amasendika y’abakozi bakorera mu gisata c’amagara y’abantu bemeje nabone ko abaganga bariko baheba akazi ku bwinshi baja gukorera mu bindi bihugu. Uwurongoye sendika SYNAPS, Muganga Ndayizigamiye Vincent yasiguye imvo nyamukuru ituma abo baganga bata akazi ari imwe rudende, iyo nayo ni iyijanye nuko bahembwa umushahara usanga utanashika ibihumbi 500 vy’amarundi kandi bakora akazi gakomeye bagatako bakarenzako n’amasaha ayo nayo ntibayahemberwe.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments