Abagandaguye Adolphe nshimirimana bamaze kumenyekana

0

Inyuma y’indwi imwe nkuko umukutu w’igihugu c’Uburundi yari yabisavye, ubutungane buhejeje gushikiriza ko abishe Lt. General Adolphe Nshimirimana bamaze kumenyekana.
FB_IMG_1439129220716

Abagandaguye adolphe nshimirimana ngo barafashwe ariko abariko barabitegura ngo ntibarafatwa, ivyo vyashikirijwe na Valentin Bagorikunda umushikirizamanza mukuru wa Republika y’uburundi mw’itangazo yashikirije ku Mboneshakure y’igihugu c’Uburundi.

Muri iryo tangazo aragaruka ku bikoresho vyakoreshejwe nk’imodoka yakoreshejwe itwara abo bicanyi ngo yavuye mw’ikambi mu Ngagara ariko inyuma yaho ikaba yaciye itorwa yahiye ku musaga aho hakaba hari ku musi wa mbere mu gihe yari yaraye agandaguwe.

Valentin bagorukunda umushikirizamanza mukuru yamenyesheje kandi ko bamaze kwugurua amatohoza ku boba barashatse kugandagura Pierre Claver Mbonimpa. Hakaba hari urupapuro ruriko ruhanahanwa ku buhinga bw’ingurukana bumenyi ruriko iryo tangazo aho habonekako ikidodo gusa ata gikumu c’uwo mushikirzamanza mukuru kiriko.

Mwokwibuka ko umukuru w’igihuyu c’Uburundi Petero Nkurunziza mw’ijambo ry’imbonekarimwe ryo guhumuriza abarundi n’umuryango wabuze, yahayr ikiringo c’indwi imwe gusa ubutungane ngo buzobe bwatanze abishe ico gihangange mu gisirikare ca Bujumbura.