Abafunzwe bahorwa imyiyerekano mu kubafunguza habomorwa ubusho

0

Uko imisi ihera niko haguma haboneka ibintu bishasha mu myiyerekano.

Protestors chant anti government slogans during clashes with riot police in Burundi's capital Bujumbura, April 27, 2015. Police fired tear gas and water cannon at protesters rallying in Burundi's capital on Monday against the president's decision to run for a third term, a move critics say violates the constitution. REUTERS/Thomas Mukoya

Mu gihe abajejwe umutekano(police) umwanya umwe bakorana neza n’abari mu myiyerekano uwundi mwanya bakarabana nk’inkoko n’akagomba kubera babatera ivyuka bikoroza amosozi, abanyagihugu ngo ntibarota bahagarika imyiyerekano.

Hagati mu gihugu neza neza mw’ijenda ngo abanyagihugu ku musi w’ejo barabomoye agasho kari gafungiwemwo abari bafashwe muri iyo myiyerekano, bakanamenyesha ko atarabo gusa ahubwo ko n’ahandi batararayo.

Mwomenya ko abo ngaho mw’ijenda batanguye muri iyi ndwi igira kabiri y’imyoyerekano, bakaba no banatanguriye kuraswa amasasu yukuri nkuko Amakuru dukesha Bagenzi bacu bakorerayo avuga.

Abanyagihugu bashika ku 600 baramaze gufatwa mu kiringo c’indwi imwe gusa bafungirwa mu busho butandukanye harimwo PSR ari naho hafungiwe benshi kandi n’ihohoterwa rikaba rikaze ngaho.