UBM News ads

Abafise amatongo badashoboye kuyarima kubuhinga bugezweho bayabake-Sammuel Ndayiragije

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umukuru wa diaspora Ndundi Samuel Ndayiragije asaba leta kwaka abantu Bose bujuje amatongo badashoboye kuyarima kubuhinga bwa none bakoresheje ama machine maze bayahe ababishoboye kugira haboneke ibishoka hanze ama devise nayo yinjire mu Burundi.

Samuel Ndayiragije ati”:Raba Ibrahim TraorĂ© wa Burkina Faso uko ateje imbere igisata c’uburimyi mu kanya gato akoresheje ama machine ,natwe birashoboka”.

Mu gihe abarundi baba mumahanga bamaze imisi mu burundi mu guhimbaza indwi mundwi yabahariwe,Samuel Ndayiragiye arongoye Diaspora ndundi arashimangira ko igisata c’uburimyi hamwe cokwitabwaho cotuma uburundi buzamuka muvyo ubutunzi mbere bugashika kuri ya mbonakazoza ya 2040-2060.

Kubwa Samuel Ndayiragije,amatongo atarimwa ni menshi cane kandi hariho abantu bashoboye kurarima mbere kubuhinga bwa none.”

Samuel Ndayiragije akaba asaba Leta kwaka abantu Bose bujuje amatongo kandi badashoboye kuyarima ku buhinga bwa none maze bakayaha abashoboye kubikora.

Agira ati:”Abafise amatongo badashoboye kuyarima kubuhinga bwa none,bayabake.”

Arongera ati:”raba ingene Ibrahim TraorĂ© wa Burkina Faso yateje imbere igisata c’uburimyi akoresheje ama machine,natwe birashoboka”.

Uwo arongoye Diaspora Ndundi yemeza ko hari abarundi benshi bazanye ama machini yabo mu Burundi ashobora kurima nka hectare 20 kumusi ariko izo machine zikaba zitarakora.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments