Abafatiwe mu myiyerekano bakubitwa nk’inzoka bamaze gushikanwa muri PSR na Godefroid BIZIMANA

0

Kuri bamwe intokeziramaze gucika abandi n’imigongo baramaze kuvuna, ivyo bigakorerwa abafatiwe mu myiyerekano nkuko vyemezwa na Petero Karaveri Mbonimpa, asanzwe ari mu bahamagaje imyiyerekano akaba arongoye ishirahamwe ryitaho abapfunzwe n’agateka ka zina muntu. Uwuza kw’isonga mu bakora ubwo bubisha akaba ari Godefroid BIZIMANA, icegera c’umukuru w’igiporisi c’Uburundi uwo akabakubita abanje kubategeka ko bemeza ko ababahamagarira mumyiyerekano babemerera amahera.

gode-4-feef7
Godefroid BIZIMANA, icegera c’umukuru w’igiporisi c’Uburundi

Nkuko bimaze kwibonekeza haba ku masanamu canke ku mashusho afatwa hirya no hino, abafatwa barakubitwa nk’inzoka imbere yuko burizwa mu modoka z’igipolise bakajanywa muri PSR iyo hasa n’ukuzimu kuri bamwe.

Mwokwibuka ko abamaze gufatwa rero kuva ku wa 26 Ndamukiza, ni abantu 600, icenda baramaze gupfa, 141 baratwawe mu mabohero ya Mpimba na Muramvya nayo 60 barakomeretse rwose, ivyo bikevyemezwa n’ishirahamwe APRODH